Abatalibani bigaruriye Kunduz muri Afghanistani

Abategetsi bavuga ko abatalibani bikinze ijoro mu gutera Kunduz

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Abategetsi bavuga ko abatalibani bikinze ijoro mu gutera Kunduz

Abategetsi bo mu gihugu ca Afghanistan bavuga ko abagwanyi b’Abatalibani bateye igisagara ca Kunduz kiri mu buraruko bw’ico gihugu bashaka kucigarurira.

Bateye kandi intambwe ikomeye mu kwigarurira igisagara ca Helmand mu bumanuko.

Intambara ikomeye iracabandanya mu gisagara ca Kunduz, inyuma y’aho abo bagwanyi batanguriye intambara yo kwigarurira ico gisagara mw’ijoro.

Umuvugizi w’abatalibani, Zabihullah Mujahid avuga ko abagwanyi b’uwo mugwi bigarurire uturere twinshi dufitiye akamaro ico gisagara.

“Ibitero bikomeye vyatanguye mu gisagara ca Kunduz mu bice bine hakiri kare muri iki gitondo,” uko ni ko Mujahid yanditse kuri Twitter.

Ico gisagara carigaruriwe n’abagwanyi b’abatalibani mu kwezi kw’icenda mu mwaka uheze, uza kubohorwa n’abasirikare bar eta inyuma y’imisi ine y’intambara.

Mu gisagara ca Helmand, inkuru zivuga ko abagwanyi b’abatalibani bafashe ibibanza bikomeye vya Nawa, bisa n’uko ari nk’umuryango wo kwinjira mu gisagara gikuru c’iyo ntara ca Lashkar Gah.

Abaraba ibintu n’ibindi bavuga ko reta ifise igikorwa gikomeye co gufata ingingo yo gusubira kwigarurira utwo turere.