Burundi: Imiryango 239 yo muri site Carama ntigira uburaro

Insiguro y'amajwi,

Ababa muri site Carama ntibagira aho bakika umusaya

Imiryango 239 imaze imyaka yababa itatu yegeranirijwe hamwe muri site Carama mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, ntigira uburaro.

Iyo site iri ku birometero 9 uvuye mu gisagara ca Bujumbura ugenda ugana mu buraruko.

Muri iyo site, hari utuzu dutoya cane tw’amahema yatabaguritse.

Abahaba bababa 1000 batewe agahinda n’uko batagira aho bakika umusaya hashemeye.

Sandrine Dusabimana, umukenyezi w’imyaka 23, avuga ko bimugora cane rwose gutegura ikibanza aryamamwo we n’umugabo wiwe hamwe n’abana.

“Mfise abana babiri, na se w’abana. Twese turyama muri kano kazu k’imetero zibiri kuri zibiri. Ndabanza ngasasa utugunira musi hama ngaca nshirako utu dushambara ngaca ndondera agakwemu jewe nambara kakaba ariko mfuka umwana tugaca turyama ', ukwo nikwo Sandrine abisigura.

Insiguro y'isanamu,

iyo miryango ifise ingorane nini y'uburaro bwiza

Uwo mukenyezi eka na mugenzi we Shurweryimana Flotte bemeza ko batakiryama kubera imbeho n’imvura.

' N’aka gasashe ubona nazibije ngaha hejuru karava. Urabona ko hose katabaguritse. Utu dushitingi natwo bari baradushiriyeko urabona ko natwo nyene twaheze. Uruzuba rwaratwakiye. Iyo imvura iguya duca twicara kubera harava kandi n’umuvo udusanga munzu”, nikwo Shurweryimana asigura.

Niyonzima Jean marie aserukira iyo miryango asaba reta ko yobaronsa amatongo mu maramvya muri commune Mutimbuzi intara ya Bujumbura.

Insiguro y'isanamu,

Haheze imyaka itatu abantu baba muri site Carama bimuriwe ngaho babakuye ku nkengera y'ikiyaga Tanganyika

Uwo arongoye iyo site yemeza ko reta yayabemereye.

“Nibadutunganirize baturonderere natwe uburaro nk’uko bagiriye abandi. Mu bisanzwe turazi ko reta itisubirako iyo yamaze kugabira ikintu umuntu. Twibaza rero ko iyo umwami yagavye atawushobora kugaburura,” ukwo nikwo Jean abibona.

Mu bushikiranganji bw’ugufatana munda ari nabwo bujejwe ico kibazo bamenyesha ko bakiriko bariga ingorane z’abo bantu.

Umushikiranganji Martin Nivyabandi arababazwa ariko n’ukubona bamwe muri abo banyagihugu bari batanguye kuronswa amatongo mu maramvya, hanyuma baca barayagurisha.

Insiguro y'isanamu,

Umushikiranganji Martin Nivyabandi avuga ko abo bantu bazosubizwa iwabo

Uwo mutegetsi avuga ko reta iriko iraraba ingene yobasubiza iwabo.

“Turamaze kubagendera. Turamaze kurungika intumwa kenshi harya hantu. Ubu rero turazi umuryango umwe umwe wose intara n’ikomine waje uvamwo. Muri reta rero tuvuga tuti ‘barya bantu bategerezwa gufashwa bakarondererwa uburaro bwiza’.

Ubwo na bwo kugira buboneke, nukubasubiza muma komine iwabo”, ukwo nikwo umushikiranganji abisigura.

Iyo miryango yakuwe aho bita kumase no muri site Sabe ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika muri zone Ngagara, mu ntango z’umwaka w’2014.