Indege za prezida zigiye kugurishwa muri Nigeria

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE
Umukuru w'igihugu ca Nigeria afise indege 10 zo kugenderamwo
Igihugu ca Nigeria camenyesheje ko izogurisha indege zibiri zikoreshwa na prezida mu ntumbero yo kugabanya ikoreshwa nabi ry’amahera ya reta.
Umuvugizi wa prezida Muhammadu Buhari, Garba Shehu, yavuze ko izo ndege zibiri muri cumi zikoreshwa n’umukuru w’igihugu w’ico gihugu, zizogurishwa mu ntumbero yo kugabanya amahera reta ikoresha.
Reta yashitse iryo tangazo mu bimenyeshamakuru ko igurisha izo ndege, imwe yo mu bwoko bwa Falcon 7X iyindi ni Hawker 4000.
Shehu yavuze ko prezida Buhari ko ari we yashizeko umukono kuri ayo matangazo.
Yongeyeko ko zimwe mu zindi ndege z’umukuru w’igihugu zizohabwa igisirikare kigwanira mu kirere muri ico gihugu.