Ni akahe kamaro k'ikinga ku bapfasoni mu kiyaya c'Imbo?

Nyandwi Jeannette avuga ko gupakira ibintu kw'ikinga ari imirimo yiwe ya misi yose
Insiguro y'isanamu,

Nyandwi Jeannette avuga ko gupakira ibintu kw'ikinga ari imirimo yiwe ya misi yose

Abapfasoni bo mu kiyaya c’Imbo bakunda gukoresha ikinga mu mirimo yabo ya misi yose, mbere n’umusore adafise ikinga biramugora kuronka umugeni.

Muri komine Nyanza Lac ugenda urahwana n’abapfasoni bahetse ibintu ku makinga bavuye mu ndimiro, akazi mu tundi turere tw’Uburundi usanga gakorwa n’abagabo.

Umupfasoni Nyandwi Jeannette avuye mu ndimiro ahetse kw’ikinga umufuko w’ibimbu, umupanga ku mahembe y’ikinga n’umwana mu mugongo, avuga ko yatanguye gutwara ikinga afise imyaka 19, ubu akaba afise imyaka 26, yivugira ko ivyo akora bidatangaje.

“ Ubuzima burazimvye, udakoze nturonka ivyo ufungura. Hari ibikorwa umuntu ashoboye n’ivyo adashoboye, mu gihe ushoboye kudandaza uja kudandaza, ushoboye ibikorwa vyo mu ndimo uja mu ndimo, ibi rero nkora vyo gupakira ibintu kw’ikinga, ntibitangaje kuko ni imirimo ya misi yose.”

Amakinga batangura kuyiga bakiri abana, kandi n’iyo hagize umupfasoni aza kwubaka mu kiyaya c’Imbo atazi ikinga bararimwigisha.

Insiguro y'isanamu,

Ariko abapfasoni bamwe bamwe baracikorera ku mutwe

Umukazana na nabukwe barahwana bose bari ku makinga, nta kibazo bitera, ariko ngo baraheza bakambara bakikwiza.

”Twambara amapataro. Nka jewe ndakuze sinoja kw’ikinga nambaye igitenge gusa. N’i Bujumbura ndashikayo.”

Insiguro y'isanamu,

Mu Burundi abapfasoni ni bo benshi usanga baja kurima mu gihe abagabo bari ku yindi mirimo

Hari nabavuga ko bamaze kuja mw’ihiganwa ryo gusiganwa n’amakinga baranatahukana udushimwe. Ndoricimpa Pascasia ni umupfasoni w’imyaka 48.

“Jewe no muri rallye mpora njayo jewe. Ndamaze mo kuronka agasimwe. Barampaye ibase igurwa amafaranga 25.000, barampa imyambaro itatu y’ibitenge, barampa n’agapira n’ibahasha irimwo ibihumbi bibiri. Hari i Bujumbura, ico gihe nari mvyaye gatatu.”