Al Shabab yishe abapolisi 5 muri Kenya

Ahavuye isanamu, AP
Al Shabab yishe abapolisi ba Kenya batanu
Abagwanyi ba Al Shabab bateze umutego abapolisi ba Kenya bacunga umutekano w'ibarabara mu ntara ya Mandera, bicamwo batanu.
Urukurikirane rw'imodoka z'igipolisi rwariko ruracungera amamodoka yunguruza abantu, akazi katanguye inyuma y'aho abagwanyi ba Al Shabab bagerereye imwe mu modoka zunguruza abantu, bicamwo abashika 28.
Uwurongoye intara ya Mandera, Ali Roba, yanebaguye igipolisi co muri ako karere mu gufata minenerwe inkuru zari zatanzwe n'abanyagihugu baho zijanye n'ibitero vy'iterabwoba.
Roba avuga ko bafashe minenerwe inkuru z'iperereza zavuga ko abo bagwanyi babonetse bafise inkoho zikomakomeye.
Si ubwa mbere intara ya Mandera iterwa na Al Shabab
Igitero co mu kwezi kwa cumi na rimwe mu 2014, casize ubwoba mu batari aba Islam gusubira gufata ingendo, bituma reta ifata ingingo yo kuza baracungerera umutekano imodoka zunguruza abantu.
Inyuma y'ukwezi kumwe gusa, abo bagwanyi ba Al Shabab barishe abakozi bimba ubutare 36 muri ako karere nyene ka Mandera.
Abo bapolisi batanu baciye bitaba Imana aho nyene, imodoka barimwo irononekara cane
Abo bagwanyi ba Al Shabab bakunze kugira ibitero mu karere karere kari mu buraruko bwa Kenya, mu ntumbero yo gushaka ko ico gihugu gikura abasirikare baco mu gihugu ca Somalia.
Igihugu ca Kenya cajanye abasirikare baco mu gihugu ca Somalia mu 2011, mu ntumbero yo kubuza ibitero vya buri gihe.
Uwo mugwi kandi warongereje ibitero vyawo mu 2013 aho wateye inzu y'ubudandarizo ya Westgate, uhitana abantu 67.
Mu mwaka uheze, Al Shabab yarateye kaminuza yo mu gisagara ca Garissa, bica abantu 148.