Antonio Guterres ni we munyamabanga mushasha wa Onu

Ishurahamwe mpuzamakungu Onu ryatoye umunyamabanga mukuru waryo- Antonio Guterres

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Ishurahamwe mpuzamakungu Onu ryatoye umunyamabanga mukuru waryo- Antonio Guterres

Umunyamabanga mukuru mushasha w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, ni we yatowe gusubirira Ban Ki Moon muri ayo mabanga.

Hari hatewe akamo ko uwomusubirira yoba ari umupfasoni, ariko abakenyezi ntibaronse ayo mahirwe.

Bitegekanijwe ko Guterres atangura akazi kiwe muri Onu mu kwezi kwa mbere umwaka uza.

Guterres yavukiye mu gisagara ca Lisbon mu mwaka wa 1949.

Yize ivyigwa vy’ubuhinga muri kaminuza ya ‘Superior Tecnico’.

Aranginje amashure yiwe mu 1971, yamaze imyaka mike yigisha, aho yakoze mu bigo vy’abakatolika.

Mu 1974, yinjiye mu mugambwe w’abasosiyaliste, aca aba umunyepolitike igihe Portugal yariko iravavanura n’intwaro y’umukazo yamaze imyaka itanu.

Yatorewe kuba umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe mu mwaka wa 1995, aca aguma muri ico kibsnza gushika mu 2002.

Antonio Guterres avuga neza indimi z’icongereza, iki espagnol n’igifaransa.

Yagiye muvyo imigenderanire mu 2005, aho yatorerwa kurongora ishami rya Onu rijejwe impunzi UNHCR.

Ari muri ico kibanza c’umukuru wa HCR, yaragabanije igitigiri c’abakozi muri iryo shirahamwe, bari ku cicaro gikuru i Geneve, ahubwo ahamagarira abakozi b’iryo shirahamwe kuba hagufi y’ahari impunzi, no kumenya uko bohangana n’ibindi bintu bituma abantu bata izabo.

Ahavuye isanamu, UN/AP

Insiguro y'isanamu,

Akanama ka Onu kajejwe umutekano ni ko gatora umunyamabanga mukuru

Yarashimagijwe cane ku kungene yahimirije ibihugu bitunze gufasha impunzi zahunze intambara, n’abageramiwe n’ibindi bintu bituma abantu bata izabo.

Antonio Guterres afise imyaka 67, akaba afise abana babiri bo ku mugore wa mbere.

Umupfasoni wiwe wa mbere yitavye Imana mu 1998.

Yasubiye kwubaka ugwiwe mu 2001.