Trump: Ibice 70% vy'amategeko bizohindurwa

Ahavuye isanamu, AFP/GETTY
Donald Trump yavuze ko ashaka gukura inzitizi ku budandaji
Uwuserukira umugambwe w’aba republicains mu matora y’umukuru w’igihugu, Donald Trump yavuze ko ashobora kugabanya amategeko agenga Amerika ku bice 70% mu gihe yotsinda.
Trump yariko aravugira mu myiyamamazo yariko irabera I New Hampshire, yanebaguye amategeko atorohereza ubudandaji, ariko avuga ko ayaraba umutekano n’ibidukikije ashobora kugumaho.
Imbere y’aho umwe mu bahanuzi biwe yavuze ko ibice 10% vy’amategeko ashobora guhagarikwa.
Azosubira guhurira n’uwo bahanganye muri ayo matora Hillary Clinton wo mu mugambwe w’abademokrate I St Louis, Missouri, ku musi w’Imana.
“Tuzogabanya amategeko ku buryo bugaragara,” n’uko Trump yavuze.
“Novuga ko nka 70% ashobora gufutwa. Abuza gusa ko ubudandaji butera imbere.”
Umuhanuzi wa Trump, Anthony Scaramucci, umutunzi wa Wall Street, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru rya Reuters, ko ubutegetsi bwa Trump bushobora gutegerezwa kugabanya ayo mategeko.
“Dukeneye amategeko ariko bamwe bose bazobazwa akamaro k’ayo mategeko, tuzotegerezwa gukuraho n’imiburiburi 10,” ni ko yavuze.
Scaramucci yongeyeko ko Trump ashobora no guhindura ivyerekeye amabanke, akureho igice cashizwemwo mu 2008 inyuma y’aho hadukiye ingorane z’ubutunzi.