ONU: Abigeme bakoresha 40% vy'umwanya mu bikorwa vyo muhira

Uko abigeme bagenda nakura, bagenda babongerereza ibikorwa bakore muhira nk'uko bivugwa na Unicef

Ahavuye isanamu, UNICEF

Insiguro y'isanamu,

Uko abigeme bagenda bakura, bagenda babongerereza ibikorwa bakore muhira nk'uko bivugwa na Unicef

Abigeme bamara ibice 40% vy’umwanya bari mu dukorwa two muhira gusumba abahungu, nk’uko biri mu cegeranyo ishami rya Onu rijejwe abana.

Unicef ivuga ko ugusumbasumbana kw’umwanya bamara bariko barakora gushika ku masaha imiliyoni 160 ku musi kw’isi yose.

Abigeme babiri kuri batatu barateka bakanakubura muhira, hanyuma ababa igice baravoma bakanasenya.

Barakora kandi gusumba “mu kazi kataboneka” ko muhira nko kurera abana canke kwitaho abageze mu za bukuru, nk’uko ico cegeranyo kibivuga.

Basanze kandi ubundi buzi bugenda buriyongerako uko bagenda bakura: hagati y’imyaka itanu n’icenda, abigeme bamara ibice 30% vy’umwanya mu dukorwa two muhira, bashikanye imyaka 14, uwo myanya ushika ibice 50%.

Muri Somalia, abigeme bari hagati y’imyaka 10 na 14 bamara amasaha 26 buri ndwi bari mu dukorwa two muhira- amasaha menshi gumba mu bindi bihugu vyose.

Ibihugu vya Burkina Faso na Yemen na vyonye hariho ubusumbasumbane bw’umwanya abahungu n’abakobwa bakoresha mu bikorwa.

“Abigeme baratakaza umwanya wabo wo kwiga, gukura eka mbere n’ubuto bwabo,” nk’uko bivugwa na Anju Malhotra wo mw’ishirahamwe Unicef.

“Ubwo busumbasumbane mu bikorwa vyo muhira ku bana, biranagira ingaruka ku buringanire bw’ibitsina, aho usanga ibikorwa vy’abapfasoni n’abigeme vyikuba kabiri.”

Ico cegeranyo , harimwo ibiharuro vyo gukubagurwa, kwubaka bakiri bato, gucibwa ibihimba bimwe bimwe vy’igitsina no kutiga, gisohotse mu gihe hasigaye imisi 4 ngo hahimbazwe umusi mpuzamakungu wahariwe umwana w’umwigeme kw’isi uba buri wa 11 ukwe kwa cumi.