Ingendo nshasha mu kwiyunguruza na Bus i Bujumbura

Ingingo yo gutonda ku murongo itaratangura benshi baca mu madirisha, iyo bo badakomeretse bakonona imodoka
Amashirahamwe y’abagendesha imiduga yo kwunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura yatunganije gushasha uburyo abipakiza bashobora gufata imodoka vyoroshe hatagiyemwo umunigano.
Kubera amasanganya yakunda guterwa n’umusunikano, abiyunguruza bagana mu ma quartier atandukanye bategerezwa gutonda ku mirongo maze bakurira imodoka umwe umwe.
Kuri ico gituro co kimwe n’ibindi bituro vy’imodoka zija mu yandi ma quartier agize igisagara, abatari bake bahora bakomereka abandi bakibwa utwabo bivuye ku kajagari n’umunigano udasanzwe waterwa n’uko imodoka ari nke, mu gihe abazikeneye nabo baba ari benshi.
Abasanzwe bakoresha ubwo buryo bwo kwiyunguruza barashimira abatunganije ico gikorwa.
' Jewe kubwanje ndabishima kuko kare twaragwana bigakomera. Jewe mbere umusi umwe umutwe wahatswe kumeneka nciye mw’idirisha, narakomeretse rwose ', ukwo nikwo umusore Nahimana aloys abisigura.
Eka n’abakenyezi barabishima.
' Iyo ngingo tuyakira neza kuko iradukingira ubuzima bwacu nk’abakenyezi. Twahora tunigana mu kwinjira ukibwa n’utwo ufise mbere uravye nabi bakaguta no hasi. Ariko ubu twinjira mu mahoro n’umutekano nk’abavukanyi, ni vyiza cane, ' uko ni ko umukenyezi umwe abivuga.

Ingingo yo gutondesha abantu ku mirongo yafashwe n'ishirahamwe ry'abunguruza abantu ASPG
Si abipakiza bashima iyo ngingo gusa. N’abagendesha imodoka zo kwunguruza abantu bavuga ko bibafasha.
Nzeyimana Emmanuel agendesha imodoka yunguruza abantu baja muburaruko bw’igisagara avuga ko ubu ari agahengwe.
' Bariko baranigana burira imodoka kenshi baratumenera ibiyo vy’imodoka eka mbere bakavunagura n’intebe, ariko ubu bigenda neza kubera ata kunagana ', ukwo nikwo Nzeyima abivuga.
Iyo ngingo yafashwe n’ishirahamwe ASPG, ishirahamwe ry’abagendesha imodoka zunguruza abantu.
' Twebwe twararavya hageze ku mugoroba abantu baza ari benshi bavuye kukazi kuko bavirayo icarimwe. Bashitse ngaha bagasanga imiduga ni mike ntishobora kubakwira rero mu kwinjira bagaheza bamwe bagaca mu mwango abandi mu madirisha, ab’inguvu bakaba aribo binjira. Ico kibazo tumaze kuciga duca dusanga ko vyiza twobatondesha ku murungo ', nk’uko Ali Bashize arongoye ishirahamwe rya ASPG abisigura.
Abagendana ubumuga, abagwaye n’ abafise imbanyi abo ntibaheza ngo batonde.
Inyuma y’ukwezi kumwe uwo mugambi utanguye, abakoresha imodoka zo kwiyunguruza mu gisagara bavuga ko n’ubusuma buriko buragabanuka bagasaba ko n’ahandi botanguza uwo mugambi.