Benshi mu ba republicain bitandukanije na Trump

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE
Uwahoze ari umunyamabanga wa reta muri Amerika Condoleezza Rice ntazotora Trump
Abandi bategetsi b’aba republicains bavuye mubashigikiye umukandida Donald Trump inyuma y’aho hamenyekaniye amajambo mabi yavuze ku bakenyezi.
Abategetsi bakuru 12 b’aba republicains bamaze kuvuga ko batazomutora, kuva aho bumviye ayo majambo ku musi wa gatanu.
Trump ariko ntazopfa avuye mw’ihiganwa ryo kuba umukuru w’igihugu, kandi ntazohemukira abamutoye.
Amaze imisi anebagurwa inyuma y’aho hamenyekaniye amajambo yavuze mu 2005, yerekeye gukorakora no kuryamana n’abakenyezi.
Abahejeje kumukurako icizere inyuma y’abandi bari bamaze kubokora, ni uwigeze kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, John McCain hamwe n’uwahoze ari umunyamabanga wa reta Condoleezza Rice.
McCain yavuze ko ivyo Trump yavuze “vyatumye bidashoboka ko abandanya kumushigikira na buke buke mu kwitoza”, mu gihe umupfasoni Rice yavuze :”Birenze urugero” Donald Trump ntakwiye kuba prezida. Ategerezwa gutanga imihoho.”
Umukenguzamateka wo mu ntara ya New Hampshire, Kelly Ayotte yavuze mw’itangazo yashize ahabona :”Sinshobora kandi sinzoshigikira umukandida atesha agaciro kandi akubagura abapfasoni,” n’uko yavuze.
Ayotte, ari mw’ihiganwa ritoroshe ryo gusubira kwitoza- yavuze ko ashobora kudatora umupfasoni Clinton, ariko ko “yokwandika Mike Pince, uwo bitoreza hamwe na Trump, ku gapapuro kiwe ko gutora.”
Abandi barepublicain benshi bamaze kumenyesha ko bopfuma batora Pence.
Ahavuye isanamu, TWITTER
Donald Trump ubwiwe yamaze kugabisha ko adashobora gutanga imihoho, yongera ko yaronse abantu bamushigikiye birenze ukwemera.
Ku rubuga rwa Twitter, uwo mukandida w’aba republicains yavuze ko “ibimenyeshamakuru bishaka ko mva mu matora”.
Umupfasoni wa Trump yashize ahabona inyandiko ku musi wa gatandatu avuga ko:”Amajambo umugabo wanje yakoresheje arababaje kandi arankurako agateka.”
Yavuze ko umugabo wiwe afise “umutima n’ubwenge nk’ivyintwari”.
Pence yavuze ko “atewe isoni” na video ya Trump, ariko arashima ko yasavye ikigongwe abanyamerika.
“Turasengera umuryango wiwe,” ni ko yavuze mw’itangazo yashikirije.
Ahavuye isanamu, AP
Donald Trump yasavye imbabazi ku majambo ari muri video aheretse kumenyekana akura agateka ku bapfasoni
Umukuru w’inama nshingamateka Paul Ryan yari yatumiye Trump kuza mu bikorwa vyo kwiyamamaza i Wisconsin mu mpera z’iyi yinga, ariko yaciye afuta ubwo butumire, avuga ko “ababajwe cane n’ivyo yumvise.
Pence na we nyene yari uwugenda muri ico kibanza cari catumiwemwo uwo bitoreza hamwe, ariko yaciye asiba.
Hagati aho, Hillary Clinton, ahanganye na Donald Trump mu matora y’umukuru w’igihugu, yise ivyo biri muri video ko “ari ibiterasoni”.