Haiti mu kigandaro mu gihe imfashanyo ziriko ziregeranywa

Ahavuye isanamu, REUTERS
Igihugu ca Haiti kiracashingura abitavye Imana ariko abasigaye bakeneye imfashanyo zihutirwa
Haiti yatanguye imisi itatu y’ikigandaro bibuka abahitanywe n’igihuhusi Matthew, catemye kigatongora ubumanuko bw’ico gihugu.
Abantu boba bashika 900 ni bahasize ubuzima.
Amazu ibihumbi n’ibihumbi yarasambutse, abantu 350.000 na bo bakeneye imfashanyo zihutirwa , nk’uko bimenyeshwa na reta.
Ikintu cane ubu batenya ni Cholera, mu gihe imaze guhitana abantu benshi, no mu gihe hari ubukene bw’ibifungurwa, uravye kandi n’ingene imirima yonoekaye.
Igihuhusi Matthew caranashitse mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Amerika, gihitana abantu 10.
Carateye umwuzure munini, umuyagankuba uracika hamwe n’inzu nyinshi zasambutse mu ntara za Florida, Georgia na Carolina.
Kw’isaha 02:00, isaha yo muri Haiti (06:00 GMT), igihuhusi Matthew ubu kiri ku rugero rwa 1 cagira ibirometero 30 kw’isaha mw’izinga rya Cedar riri mu ntara ya Caroline, kigana uburaruko bushira ubuseruko, nk’uko bivugwa n’ikigo kijejwe kugenzura ibihuhusi.
'Nta mazi'
Matthew caciye mw’izinga rya Tiburon, kibandaniriza mu karere ko ku nkengera mu bumanuko bwose bwa Haiti- gakubura iryo zinga ryose ari na ko umuyaga ufise umuvuduko wa kirometero 230 kw’isaha usambura amazu, hamwe n’imvura nyinshi.
Ahavuye isanamu, REUTERS
Ibice bimwe bimwe vya Charleston mu ntara ya South Carolina vyuzuye umwuzure
Imfashanyo zija muri Haiti ubu zitanguye gutangwa, nk’uko bivugwa na Stephane Rolland, arongoye umuryango ufasha imbabare Croix Rouge muri ako karere (IFRC).
Ariko ibibazo biracari vyinshi, uravye ingorane z’aho abantu bakika umusaya no gushika mu turere turi kure cane.