Amatohoza ku bavyeyi b'umwana yapfuye azira amafungo

Ahavuye isanamu, UMA SUDHIR
Aradhana Samdariya
Igipolisi co mu Buhindi kiriko kiragira amatohoza ku bavyeyi b’umukobwa w’imyaka 13 yapfuye mu ndwi iheze inyuma yo gupfunga imisi 68.
Igipolisi co mu bumanuko bwa Hyderabad babwiye BBC ko bariko baratohoza kugira bamenye nimba Aradhana Samdariya yahawe itegeko ryo gupfunga ku nguvu.
Abavyeyi biwe bavuga bashimitse ko yapfunze kugushaka kwiwe nk’uko bitegetswe muri Jainism, rimwe mu madini ya kera ari kw’isi.
Ivyo vyatumye impair zerekeye ugufunga mu gihugu c’Ubuhindi.
Inkuru zivuga ko Aradhana yanyoye amazi ashuhije gusa ku musi ugira uwa 68.
Umusi ugira kabiri inyuma yo guhagarika amafungo, yaciye apfa.
Abahinga bavuga ko umuntu ashobora kubaho ata kintu na kimwe afunguye amezi abiri.
Umuvugizi w’igipolisi yavuze ko amatohoza ku bavyeyi biwe yatanguye, inyuma y’aho ishirahamwe riharanira agateka k’abana ribituriye.
Gupfunga ku bushake?
“Abavyeyi biwe-Laxmi Chand na Manshi Samdariya- bagirizwa ugutegura kwica mu gusuzugura no kudakurikiza amategeko agenga umwana,” ni ko uwo muvugizi yavuze.
Abo bavyeyi bakora ibintu vyo gushariza umubiri, bararahira bakarengwa ko batategetse umwana wabo gufunga.
“Yasavye uruhusha rwo gupfunga upvaas. Twamubwiye ngo ahagarike amaze imisi 51, ariko aranka. Yagize amafungo ku gushaka kwiwe,” nk’uko bivugwa na se wiwe Samdariya.
Ariko abaharanira agateka ka zina muntu ntibemera ivyo abo bavyeyi bavuga.
Urupfu rw’uwo mwana kandi rwatumye haba ukwibaza ibibazo kuri ubwo buryo bwo gusenga hamwe n’imigenzo nk’iyo.
Gufunga ni ibintu bisanzwe ku madini amwe amwe- aba Islam barahagarika kurya no kunywa kuja izuba riserutse gushika rirenge mu gihe c’ukwezi kwa Ramadhani, abakristu na bo bapfunga mu gihe c’ikarema, abayahudi bahagarika kurya mu gihe ca Yom Kippur mu gihe abahindu bapfunga mu bihe vy’ibikorwa bitandukanye vy’idini.
Ariko amadini yose ntiyemerera umuntu gupfunga kugeza aho apfa.
Ariko hari amadini ashigikiye gufunga umwanya muremure.