Agashimwe ka prezida Santos kazofasha abazahajwe n'intambara

Amahera y'agashimwe ka Nobel, prezida Santos azoyafashisha abazahajwe n'intambara

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Amahera y'agashimwe ka Nobel, prezida Santos azoyafashisha abazahajwe n'intambara

Prezida wa Colombia Juan Manuel Santos yavuze ko amahera y’agashimwe yaronse kitiwe Nobel azoyakoresha mu kugarukira ku bazahajwe n’intambara mu gihugu ciwe.

Yatahukanye ako gashimwe kubera ukwitanga kugira haboneke amasezerano y’amahoro hagati ya reta arongoye n’umuhari wa FARC.

Prezida Santos n’umukuru wa FARC Timochenko, barashize umukono ku masezerano y’amahoro mu kwezi guheze, mu kurangiza intambara yari imaze imyaka irenga mirongo itanu.

Ariko, mu matora ya kamarampaka, abanyagihugu ba Colombia bariyamirije ayo masezerano.

Prezida Santos vyitezwe ko ahabwa amahera arenga amadolali ibihumbi amajana icenda, avuye muri komite ya Nobel.