Ethiopia yidogera Egypte na Eritrea ku midugararo ihavugwa

Abajejwe umutekano ba Ethiopia bagirizwa gukoresha inguvu nyinshi

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Abajejwe umutekano ba Ethiopia bagirizwa gukoresha inguvu nyinshi

Umushikiranganji wa Ethiopia ajejwe uguhererekana amakuru yavuze kw'imigwi iri muri Eritrea no muri Egypte ifise uruhara mu ruhagarara rwatumye igihugu gifatigwa amategeko y'ibihe bidasanzwe.

Getachew Reda yavuze ko hari abanyamahanga baha ibigwanisho n'amahera imirwi itavuga rumwe na reta, ariko bidasigura ko baba bashigikiwe n'ama reta yabo.

Muri kino gihe c'amategeko adasanzwe, inteko zizoshobora gusabwa guhasha abari mu migumuko.

Bino bikurikiye imigumuko yarimaze amezi ikogwa n'abanyagihugu bari mu moko abiri manini agize igihugu.

Ubwicanyi bwariyongeye kuva mu ntango za kuno kwezi.

Abantu bashika 55 bakaba barishwe mu migumuko yabereye mu gikorane c'abanyagihugu bo mu bwoko bw'aba Oromo.