Burundi: Imigenderanire n'ibiro vya ONU vy'agateka ka muntu yahagaze

Ahavuye isanamu, REUTERS
Abahinga ba Onu bigenga (uva i bubamfu uja i buryo) Pablo de Greiff, Christof Heyns na Maya Sahli-Fadel bariko barashikiriza icegeranyo ca nyuma i Geneve itariki 27 z'ukwezi kw'icenda mu 2016
Uburundi bwamenyesheje ko bubaye burabangira ku migenderanire bwari bufitaniye n'ibiro vya Onu bijejwe agateka ka zina muntu, bivuye ku cegeranyo c'abahinga b'iryo shirahamwe giherutse gusohoka.
Mw'itangazo ryasohowe na reta y'Uburundi, rigashikirizwa n'umuvugizi wayo Philippe Nzbonariba, bavuga ko iyo ngingo yafashwe kubera abahinga bagize ico cegeranyo baremetse inteba ishushe abarundi
Iryo tangazo rije rikurikira iryo umushikiranganji w'imigenderanire ryo kwirukana ku butaka bw'Uburundi bahinga Pablo de Grieff, Christof Heyns na Maya Sahli-Fadel bagirizwa kugira iceranyo c'ububeshi.
Mu cegeranyo cabo, abo bagira amatohoza bavuga ko abantu ibintu n’ibihumbi basinzikarijwe ubuzima, barafatwa ku nguvu abandi baranyuruzwa mu midurumbanyo yabaye kuva mu kwezi kwa kane umwaka uheze.
Baranagabishije ko hashobora kuba jenoside bivuye kuri ubwo bwicanyi bubandanya.
Iyo ngingo ifashwe inyuma y’aho Uburundi bumenyeshereje ko bugiye kwikura muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.
Urwandiko rwashizweko umukono n’umushikiranganji w’imigenderanire w’Uburundi, Alain Aime Nyamitwe, ruvuga ko Pablo de Greiff wo muri Colombia, Christof Heyns wo mu gihugu ca Afrika y’epfo hamwe na Maya Sahli-Fadel nta burenganzira bagifise bwo kwinjira mu Burundi.

Ahavuye isanamu, AFP
Hagize imisi haba imyiyerekano yo kwiyamiriza ico cegeranyo mu gisagara ca Bujumbura
Mu cegeranyo basohoye, bavuga ko “ibimenyetso vyinshi vyerekana ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu” bishobora gufatwa ko ari amabi akorerwa ikiremwa muntu, kandi vyakozwe na reta hamwe n’abayifashe mu mugongo.
Ariko avugira mu gisagara ca New York ku musi wa mbere, umuvugizi wa Onu yasavye Uburundi kubandanya gukorana n’abo bagira amatohoza.
Itangazo ry’uko Uburundi buzikura muri sentare mpuzamakungu ICC ryasohotse mu ndwi iheze, amezi atandatu inyuma y’aho iyo sentare ifise icicaro I Hague mu Buhollande, ivugiye ko ishobora kugira amatohoza ku mabi ariko arabera mu Burundi.
Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika riramaze kwagiriza iyo sentare ko ibonera abanyafrika.
Imidurumbanyo yadutse mu kwezi kwa kane mu 2015 inyuma y’aho prezida Pierre Nkurunziza amenyeshereje ko agiye kwitoza mu kiringo kigira gatatu.
Kuva ico gihe, abantu barenga 500 baramaze kwitaba Imana, abndi barenga 270.000 bahungira mu bihugu bibanyi.

Ikarata y'Uburundi