Paul Ryan yakuye amaboko kuri Trump

Paul Ryan avuga ko agiye kwitaho cane amatora y'abashingamateka

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Paul Ryan avuga ko agiye kwitaho cane amatora y'abashingamateka

Umutegetsi akomeye mu mugambwe w’aba republicains yavuze atazosubira kuvugira umukandida w’uwo mugambwe, Donald Trump, inyuma y’amajambo yiwe ku bapfasoni yateye impari nyinshi.

Umukuru w’inama nshingamateka, Paul Ryan, yavuze ko ubu agiye kwitaho ko abitoza mu bibanza vy’abashingamateka muri uwo mugambwe bazotahukana intsinzi.

Trump yishuye Ryan acishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter avuga ko adakwiye guta umwanya wiwe amugwanira.

Imbere y’aho, uwo bahanganye na Trump mu matora Hillary Clinton wo mu mugambwe w’aba demokrate yerekanye amazinda ku ngingo ya Trumo yo gusaba imbabazi ku majambo yashikirije haraheze imyaka 11.

Muri iyo video, Trump aboneka avuga ingene yasavye kuryamana n’umupfasoni yubatse.

Kandi aranavuga n’amajambo atesha agaciro abapfasoni.

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE

Insiguro y'isanamu,

Mu kiganiro co ku musi w'Imana Trump yarifatiye mu gahanga Clinton

Ariko ku musi w’Imana, Trump yavuze ko amajambo yashikirije kuri iyo Video yari ayo “ gutera inkuru gusa”.

Ariko aravugira mu mu kiganiro bahuriyemwo n’umupfasoni Clinton ku musi w’Imana, Trump yavuze ko atarakubagura umupfasoni n’umwe.

Umupfasoni Clinton yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter ko, mu gihe Trump atohindura aho ahagaze, bica bigaragara ko “ataricuza kuvyo yavuze”.

Igihe Trump yabazwa ivyerekeye iyo video mu kiganiro co ku musi w’Imana, hakwishura ikibazo, yahindukiriye uwo bahanganye mu matora y’umukuru w’igihugu, avuga ko umugabo wiwe Bill Clinton “yahora akora ibikurako agateka abapfasoni”

Umupfasoni Clinton yarahakanye kugira ico avuze kuri ivyo.

Abategetsi bakuru b’umugambwe w’aba republicain 38, harimwo abakenguzamateka, abashingamateka, abakuru b’intara, baramaze kuva inyuma ya Trump, kuva iyo video igiye ahabona ku musi wa gatanu.

Ariko ku musi wa mbere, umukuru w’akanama k’igihugu k’umugambwe w’aba republicain, Reince Priebus, yavuze ko ata kirahinduka kubijanye no kwiyamamaza.

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Mike Pence

Uwo bitoza hamwe na Trumpo, Mike Oence, yavuze ko azobandanya gushigikira Trumo no kumuvuganira.

Ariko imbere y’aho, yari yamenyesheje ko ivyo Trump yavuze muri iyo vide “atawobiharirako”.

Ariko, aganira na CNN ku musi wa mbere, Pence yavuze ko “ari agateka nta ngere” kuri we gushigikira Trump, aranabeshuza ivyavugwa ko yoba ariko ariyumvira gutanga imihoho.