Umwigeme ari musi y'imyaka 15 aja kwubaka buri segunda 7

Ubuhindi ni kimwe mu bihugu bivugwamwo igitigiri kinini c'abigeme bari musi y'imyaka 15

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE

Insiguro y'isanamu,

Ubuhindi ni kimwe mu bihugu bivugwamwo igitigiri kinini c'abigeme bari musi y'imyaka 15

Icegeranyo gishasha c’ishirahamwe Save the Children kivuga ko abigeme bari musi y’imyaka 15 ajanwa ku mugabo buri segunda indwi kw’isi yose.

Ico cegeranyo kivuga ko abigeme badashikana imyaka cumi bategekwa kurongorwa n’abahungu bakuze cane, mu bihugu nka Afghanistan, Yemen, Ubuhindi na Somalia.

Save the Children bavuga ko kurongorwa hataragera bifise ingaruka ku buzima bwose bw’umwigeme.

Amatati, ubukene ivyo abantu bagenda barapfa ni vyo bintu bigaragara ko ari vyo bituma umwigeme yubaka urwiwe agifise imyaka mike cane.

“Ukurongorwa hataragera kuzana urukurikirane rw’ingorane rutuma uburenganzira bwiwe bw’ibanze butubahirizwa, gukura no kwishimira ubuzima bwiwe nk’umwana,” uko ni ko umunyamabanga mukuru wa Save the Children International, Helle Thorning-Schmidt yavuze.

“Abigeme baraja kwubaka bakiri bato kenshi ntibabandanya kwiga, kandi kenshi baragirirwa nabi n’abagabo babo, gukubitwa eka mbere no gufatwa ku nguvu. Baraterwa imbanyi kandi bashobora no kwandura ingwara zifatira mu bihimba vy’irondoka, harimwo na Sida.”

Ico cegeranyo ciswe “Every Last Girl”, cakorewe mu bihugu abigeme bafashwe nabi gusumba, uravye kwiga, ukwubaka kw’abana, gutwara imbanyi ku bana, urupfu rw’abapfasoni bariko baribaruka hamwe n’igitigiri c’abapfasoni mu nama nshingamateka.

Tchad, Niger, Centrafrique, Mali na Somalia biri mu vyanyuma uravye urwo rutonde.

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE

Insiguro y'isanamu,

Abana b'abigeme bari mu makambi y'impunzi ni bo bageramiwe gusumba n'ingendo yo kwubaka bakiri bato

Ishami rya Onu rijejwe abana kw’isi, Unicef, rivuga ko igitigiri c’abana baja kwubaka hataragera kizokwiyongera kuva ku miliyoni 700 ubu, bashike ku miliyoni 950 mu mwaka wa 2030.

Ico cegeranyo ca Save Children casohotse ku musi wahariwe umwigeme kw’isi.