Ingabo za Ethiopia zavuye mw'ikambi ikomeye muri Somalia

Ingabo za Ethiopia zari zagiye muri Somalia gufata mu mugongo igisirikare cabo kigoyagoya

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Ingabo za Ethiopia zari zagiye muri Somalia gufata mu mugongo igisirikare cabo kigoyagoya

Abasirikare ba Ethiopia bari bahanganye n’umugwi wa al-Shabab mu gihugu ca Somalia, bavuye mw’ikambi yabo ikomeye hagati muri ico gihugu mu karere ka Hiran.

Ubu abagwanyi ba al-Shabab binjiye mu kigwati ca el-Ali kubera abo basirikare ba Ethiopia bahavuye.

Abo basirikare bononye cane iyo kambi imbere y’uko ahava, nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru cegamiye umuhari wa al-Shabab.

Icatumye abo basirikare bava muri ico kibanza ntikiramenyekana, ariko al-Shabab yavuze ko baheruka gutera iyo kambi.

Mu kwezi kwa gatandatu, al-Shabab yavuze ko yishe abasirikare ba Ethiopia 60, igihe batera ikambi yabo iri mu gisagara ca Halgan hagati mu gihugu ca Somalia.

Bamwe mu basirikare ba Ethiopia bari muri Somalia nk’abasirikare b’ishirahamwe ry’Ububumwe bwa Afrika (AU).

Abasirikare ba Ethiopa bari mu bagera ku 22.000 ba AU, bafise akazi ko gucungera uturere twa Bay, Bakool, Gedo bakaba bari no mu karere ka Hiram kegereye urubibe rwa Ethiopia.