Facebook yashizeho urubuga rukoreshwa ku kazi

Workplace isa na Facebook

Ahavuye isanamu, FACEBOOK

Insiguro y'isanamu,

Workplace isa na Facebook

Facebook yatanguje urubuga rushasha rwitwa Workplace, ruzofasha amashirahamwe gushiraho inzira yo gutumatumanako amakuru.

Urwo rubuga rusa na Facebook, kandi rufise ibibanza vya nkenerwa harimwo aho gushira video ikibiriraho no kurungika ubutumwa, ariko ntirushobora gukoreshwa n’umuntu ku giti ciwe.

Urwo rubuga rwiyumviriwe kugira rusubiririre ubundi buryo bwo gutumatumanako nka mail mu guhanahana amakuru ku kazi.

Umwe mubakurikiranira hagufi ivyo ubuhinga yavuze ko urwo rubuga ruzohangana bikomeye n’ubundi buryo bwo guhanahana amakuru bwari buhasanzwe.

Ruzokokwirukirwa n’abantu benshi co kimwe na Microsoft na Yammer, amashirahamwe ashobora gukoresha na Slack zose zikoreshwa mu guhanahana inkuru.

Facebook imaze igihe igerageza urwo rubuga ubwa mbere rwitwa Facebook at Work, mu kiringo c’imyaka ibiri, ikavuga ko ubu amashirahamwe agera ku 1000 arukoresha.