Ukurongogwa ukiri umwana ngo vyaka umwana w'umukobwa agateka

Ahavuye isanamu, AFP
Abana b'abakobwa barongogwa bakiri bato kubera ingwano muri Syria ngo ni benshi
Mu cegeranyo casohoye, ikigo giharanira agateka k'umwana "Save the Children International" kivuga ko kira misegonda 7, umwana umwe w'umukobwa ari musi y'imyaka 15 aba arongowe.
Mbe ingaruka zoba ari izihe ku mwana w'umukobwa arongowe akiri muto?
Uwurongoye ico kigo Helle Thorning-Schmidt avuga ko "kurongogwa ukiri umwana binyaga umwana w'umwigeme urukwegane rw'amateka arimwo ayakomeye nk'ukwiga, gukura no kwitwa umwana".
Umukobwa arongowe atarakwiza imyaka ngwakunze guhohoterwa iyo ageze mu rugo, agakubagugwa canke agafatwa ku nguvu n'abagabo.
Ico cegeranyo kivuga kw'abana b'abigeme baba mu nkambi z'impunzi nabo nyene bakunze kurongogwa bakiri bato.
Ikigo ca Onu kigwanira agateka k'abana Unicef kivuga kw'igitigiri c'abigeme barongogwa bakiri bato kigiye kuva ku miliyoni 700 muri kino gihe kikagera ku miliyoni 950 mu mwaka w'i 2030.