Prezida Obama asaba abakuru b'abarepublicains kuva inyuma Trump

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE
Prezida yavuze ko Donald Trump adakwiye kuba prezida wa Amerika
Prezida wa Amerika Barack Obama yahamagariye abtegetsi bakuru b’umugambwe w’aba republicain, kuva inyuma y’umukandida wabo Donald Trump.
Avugira mu nama yo kwiyamamaza ashigikira umukandida w’abademokrate Hillary Clinton, Obama yavuze ko ata kamaro ko kunebagura amajambo ya Trump yavuze ku bapfasoni utitandukanije na we.
Mw’ijambo yashikirije I Greensboro, North Caroline, ku musi wa kabiri ku wa kabiri, prezida Obama, yatangaye kubona hari abanyepolitike b’abarepublicain bagishigikiye ko Trump yoba umukuru w’igihugu.
“Kuba hari abantu ubu bavuga :’Ibi sindavyemera, ndavyiyamiriza cane…ariko ndacamushigikiye.’ Ariko babandanya kwibaza ko akwiye kuba prezida, ivyo kuri jewe nta kamaro bifise,” ni ko yavuze.
Prezida Obama yavuze ko amajambo ya Trump ku bapfasoni ashobora no kumubuza kuronka akazi n’aho koba ari ako mw’iduka.
“Hari amajambo uwo mugabo avuga ukabona ko atawukwiye kuyihanganira, n’aho uwo muntu yoba ariko arasaba akazi mu maduka ya 7-Eleven,” n’uko yavuze.
Abadashigikiye Hillary Clinton bagiye batuma prezida Obama ahagarika ijambo yariko arashikiriza, ariko vyagaragaye ko ata co vyamutwaye. Ahubwo yabishuye:”Iyi ni demokrasi. Iki ni ikintu ciza cane.”

Ahavuye isanamu, AFP
Hari abagiye baraha induru prezida Obama ariko arashikiriza ijambo
Abo bantu bariko baramuha induru basohowe hanze n’abajejwe umutekano.
Abakuru benshi b’umugambwe w’abarepublicain, harimwo umukuru w’inama nshingamateka, Paul Ryan, ari we mutegetsi mukuru w’uwo mugambwe yitorewe n’abanyagihugu, baranebaguye amajambo ya Trump aho yigamba gutesha agaciro abapfasoni muri video.
Trump kandi yaratutse abo banyepolitike avuga ko ari ibihemu, kandi ko bigoye kubagwanya gusumba mbere guhangana n’abademokrate.
Yavuze ko imigozi yari imuboshe yavuyeko, ko agihe kugwanira Amerika aciye mu nzira we nyene yishakiye.
Umumenyeshamakuru wa BBC akurikirana akarere ka Amerika ya ruguru, avuga ko ubu Donald Trump asa n’uwuriko aritoza ku gatwe kiwe.
Yavuze kandi ko ukutumvikana kwadutse ubu kwuzobandanya n’inyuma y’amatora.

Ahavuye isanamu, AP
Trump avuga ko ubu agiye kugwanira Amerika ata gitsure
Kuri video yo mu 2005 yagiye ahabona ku musi wa gatanu, Trump aboneka asigura ingene yagerageje gushaka kuryamana n’umupfasoni asanzwe yubatse, yongera avuga n’amajambo atesha agaciro abapfasoni.
Hafi igice c’abakenguzamateka, abakuru b’intara n’abashingamateka bose bashika 331 b’abarepublicains bariyamirije ayo majambo ari muri iyo video, n’ibice 10 kw’ijana kandi basavye Trump gutanga imihoho, nk’uko bishikirizwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya Reuters.