Syria: Ikambi ipfungiwemwo abahunze umuhari wa IS

Umukuru w'abagwanyi avuga ko atari bose bazorekurirwa gusubira iwabo
Insiguro y'isanamu,

Umukuru w'abagwanyi avuga ko atari bose bazorekurirwa gusubira iwabo

Ikambi yo mu kinyegero y’abahoze ari abagwanyi ba Islamic State n’imiryango yabo yarashinzwe mu gihugu ca Syria.

Abagwanyi b’uwo muhari n’abatorotse uwo muhari, harimwo abanya Buraya benshi, bapfungiwe mw’ikambi igenzurwa n’umuhari w’abagwanyi ba Jaysh al-Tahrir.

Uwurongoye, Mohammad al-Ghabi, yabwiye BBC ko bamwe mu banyororo bahawe uburenganzira bwo gusubira I Buraya, babanje kwumvikana n’abajejwe umutekano.

Ariko abandi, bazocibwa urubanza muri sentare ya Sharia, abandi na bo bashobora no kunyingwa.

“Bava mu bice bitandukanye, abanyaburaya n’abarabu,” ni ko Ghabi avuga.

“Twaragerageje kubahindura ivyiyumviro. Abipfuza gusubira iwabo twarabarekuriye guhamagara ibiro bibaserukira, hanyuma turafashanya.”

Insiguro y'isanamu,

Abu Sumail, w'ubwenegihugu bwa Pays Bas amaze imyaka ibiri agiye mu muhari IS. ubu avuga ko yipfuza gutahuka

Abo bagabo, abapfasoni n’abana bapfungiwe mu kigwati kiri mu buraruko mu ntara ya Idlib.