Uburundi buravavanuye na ICC

Abashingamateka 94 ku 110 ni bo bemeje kuvavanura na ICC
Insiguro y'isanamu,

Abashingamateka 94 ku 110 ni bo bemeje kuvavanura na ICC

Inama nshingamateka y’Uburundi ihejeje kwemeza ko ico gihugu gikuye akarenge mu bihugu vyashize umukono ku masezerano ashinga sentare mpuzamakungu mpanavyaha ku majwi 94 kw’ijana na cumi bari bitavye ico guikorwa.

Abashingamateka ata co barivuzeko ni cumi na bane, babiri na bo babihakanye.

Umushikiranganji w'ubutungane, Kanyana Aimee Laurentine ni we yari yagiye mu nama nshingamateka gusigura iyo nteguro y'itegeko.

Insiguro y'isanamu,

Umushikiranganji w'ubutungane Kanyana Aimee Laurentine ni we yari yagiye gusigura iyo nteguro y'itegeko

Mu ndwi iheze, inama nshikiranganji yari yakoranye yemeza ko Uburundi bukwiye kuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha iri La Haye, ICC, yaramenyesheje mu kwezi kwa kane umwaka 2016, ko yatanguye intambwe ya mbere y'itohoza ku bwicanyi bwabaye mu Burundi kuva Prezida Nkurunziza atangaje kwitoza kurongora Uburundi mu kiringo kigira gatatu mu kwezi kwa kane umwaka wa 2015.

Umushikirizamanza wa ICC, Fatou Benshida, yavuze ko havuzwe amakuru y'ubwicanyi, kubura kw'abantu, kuboreza igufa hamwe no gusambanya ku nguvu.

Mu cegeranyo c’abahinga ba Onu giherutse gusohoka, na bo baremeza ko ivyo vyaha vyakozwe.

Ibiro vya Onu bijejwe agateka ka zina muntu biherutse kwemeza irungikwa mu Burundi ry’umugwi womara umwaka wose utohoza amabi yakozwe kuva mu 2015.

Reta y’Uburundi yararahiye irarengwa gukorana n’uwo mugwi, mbere ikaba iherutse gusohora itangazo rivuga ko ibaye irabangira gukorana n’ibiro vya Onu bijejwe agateka ka zina muntu.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Sentare ya ICC irongowe na Fatou Bensouda yari yamenyesheje mu kwezi kwa kane mu 2016 kigiye gutangura intambwe ya m bere y'amatohoza mu Burundi.

Abahinga batatu bakoze icegeranyo ku Burundi na bo, bategetswe kudazosubira guhonyoza ikirenge muri ico gihugu.

Onu ivuga ko imidurumbanyo yagutse kuva mu kwezi kwa kane umwaka wa 2015 bivuye ku mpari y’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza imaze guhitana abarenga 500, abandi barenga 270.000 bahungira mu gihugu bibanyi.