Trump 'yarakorakoye' abapfasoni

Ahavuye isanamu, NEW YORK TIMES
Jessica Leeds avuga ko Trump yamukorakoreye mu ndege agifise imyaka 38
Abapfasoni babiri babwiye ikinyamakuru ca New York Times ko umukandida w’abarepublicains mu matora ya prezida wa Amerika, Donald Trump, yabakorakoye batabishaka.
Umupfasoni umwe yavuze ko uwo mukandida yamukoze ku mabere, ari na ko agerageza kwinjiza intoke ziwe musi y’ijipo bari mu ndege haraheze imyaka mirongo itatu.
Uwugira kabiri avuga ko Trump yamusomye ku nguvu mu nzu ya Trump Towers muri 2005.
Abakozi ba kompanyi ya Trump bavuga ko ivyo vyose “ari ivyo bikurira mu mutwe.”.
Ikinyamakuru ca New York Times caratanguje isekeze “ ry’ububeshi, rifise intumbero yo gucapfuza izina rya Trump”, inkuru zitangwa n’abakozi ba Trump n’uko zivuga.
Jessica Leeds ubu afise imyaka 74, wo mu ntara ya Manhattan, yabwiye ico kinyamakuru ko yari yicaye iruhande ya Trump, mu kibanza cingenzi z’iteka, mu ndege yagana New York, aho yaduza aho umuntu ashira ukuboko aruhutse, aca atangura kumukorakora.
Uwo mupfasoni yari afise imyaka 38 muri ico gihe.
“Yarankorakoye hose, vyari ibiterasoni.” Uko ni ko yavuze.
Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE
Rachel Crooks avuga ko Trump yamusomye ku nguvu imbere y'inzu ya Trump Tower
Rachel Crooks yakira ingenzi muri kompanyi igurisha ubutaka mu nzu ya Trump Tower, ico gihe yari afise imyaka 22.
Avuga ko yasomwe ku nguvu na Trump imbere y’umuryango w’icuma kidugana canke kimanukana abantu mu magorofa.
“Vyari ibintu bibi cane,” ni ko umupfasoni Crooks yabwiye New York Times.
“Narababaye cane kuko yibaza ko ata co maze ku buryo akora ibintu nk’ivyo (jewe ntabishaka).”
Abo bapfasoni babiri ariko ntibigeze bamwitwarira.
Umupfasoni Leeds avuga ko yashavuye cane kandi ko yibabijije ibibazo vyinshi inyuma y’aho Trump amukorakoreye.
Yavuze ko, umusi umwe, yavuye mu kibanza cicaramwo abanyecubahiro aja kwicara aho abantu basanzwe.
Abafasha umupfasoni Clinton kwiyamamaza, bavuze ko izo nkuru zo muri New York Times zije zemeza neza “ ikintu cose tuzi kuvyerekeye uko Donald Trump afata abapfasoni”.
'Kumufata ku bisusu'
Mu gihe havugwa ivyo, Mindy McGillivray na we yabwiye ikinyamakuru Palm Beach Post ko agifise imyaka 23, Trump yamukoze ku bisusu mu nzu y’ubunywero bwiwe ya Mar-a-Lago, mu ntara ya Florida mu mwaka 2003.
Avuga ko yari ahagaze iruhande y’umukunzi wiwe ico gihe, Melania Knauss.
Umupfasoni McGillivray, ubu afise imyaka 36, avuga ko atamureze ku gipolisi.
Ariko mugenzi we, akora akazi ko gufotora, Ken Davidoff, yabwiye ico kimenyeshamakuru ko uwo mupfasoni yamuhamagaye ku ruhande uwo musi, aca amubwira :” Donald ankoze ku bisusu ubu nyene”.
Abafasha ba Trump bavuga ko ivyo umupfasoni McGillivray ata ho bihagaze.
Abo bapfasoni batatu bose bavuga ko bashigikiye Hillary Clinton.
Ahavuye isanamu, REUTERS
Abafasha Trump mu myiyamamazo baza bamaze kwiyamiriza ivyo bivugwa
Ku musi wa gatanu w’indwimiheze, video yafashwe mu 2005 yaragaragaye yerekana Trump avuga amajambo atesha agaciro abapfasoni, no kubakorakora.
Yarasavye imbabazi kuri ivyo yavuze, ariko akavuga ko yari amajambo yo kwifyinira.
A bategetsi benshi bakomeye b’umugambwe w’abarepublicain, harimwo umukuru w’inama nshingamateka, Paul Ryan, bariyamirije aya majambo. Ryan ko atazosubira gufasha imyiyamamazo Trump.