Trump: Ivyo nagirizwa ku bapfasoni ni 'amayeri'

Uwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mugambwe w’abarepublicains, Donald Trump, yabwiye abamushigikiye ko ivyo yagirizwa vyo gutesha agaciro abapfasoni ari amayeri yo gushaka ko atsindwa mu matora.
Mu myiyamamazo yabereye mu ntara ya Florida, Trump yahakanye ivyo yagirizwa avuga ko ari ububeshi.
Mu gihe hasigaye imisi mike ngo habe amatora y’umukuru w’igihugu muri Amerika, bigaragara ko Trump azotsindwa n’uwo bahanganye muri ayo matora, umupfasoni Hillay Clinton.
- Trump 'yarakorakoye' abapfasoni
- Paul Ryan yakuye amaboko kuri Trump
- Benshi mu ba republicain bitandukanije na Trump
Imbere y’aho, umupfasoni w’umukuru w’igihugu ca Amerika, Michelle Obama, yanebaguye bikomeye Trump, avuga ko inyifato yiwe yo gutesha agaciro abapfasoni itangaje kandi iteye ubwoba.