Samsung izohomba inyungu ingana na miliyaridi 5.4$

Ahavuye isanamu, AFP
Galaxy Note 7
Ikompanyi ya Samsung ivuga ko guhagarika kugurisha telefone yayo ngendanwa ya Galaxy Note 7, bizoyihombesha imiliyaridi 5.4 z’amadolali.
Iyo kompanyi ya Korea y’epfo iza yamaze kugabanya ica gatatu c’amahera yari yiteze kwunguka muri uyu mwaka, gushika ku mahera imiliyaridi 2.3 z’amadolali.
Ku musi wa gatanu, iyo kompanyi yavuze ko yiteze kugira ibibazo no guhomba amadolali arenga imiliyaridi 3.
Samsung yahanuye abari baguze Note 7 kuzisubiza inyuma y’aho havugiwe izadukamwo umuriro n’umwotsi.
Habanje kwibazwa ko ikibazo kiri mw’ibateri.
Iyo kompanyi kandi yarahagaritse gukora izo telefone inyuma y’aho nshasha bari bahinduriye abaziguze, bibaza ko zo zikomeye, na zo zitanguriye gusha.

Ahavuye isanamu, REUTERS
Telefone ya Samsung yaratse umuriro iriko irageragezwa mu gihugu ca Singapour
Iyo telefone yari yashizwe kw’isoko mu kwezi kw’umunani, vyitezwe ko igira ihiganwe na telefone nshasha ya Apple iPhone7.
Ariko n’aho biri uko, ikompanyi ya Samsung yiteze inyungu y’imiliyaridi 3.7 z’ama pawundi.
Iyo kompanyi yiteze kugurisha telefone nyinshi nka Galaxy S7 na S7 Edge, kugira inagure ubudandaji bwayo.