Abagore b'abarwanyi baba i Bardhere bategetswe kwomoka

Ahavuye isanamu, AP
Al Shabaab yatswe umuji wa Bardhere mu mwaka uheze ariko ibandanya kugabayo ibitero
Abajejwe intwaro mu muji wa Bardhere mu bumanuko bwa Somalia, bategetse abagore b'abarwanyi ba ki Islam baba muri uwo muji kuwuvamwo.
Uwujejwe uwo muji yagiriza abo bagore kuba basumira urusaku abagabo babo, kandi ngo nibatava muri uwo muji bazoca bapfungwa.
Yavuze ko igikorwa ca gisirikare co kubomora muri uwo muji kiri mu gutangura.
Umugwi w'abarwanyi ba ki Islam, Al Shabaab, watswe umuji wa Bardhere mu mwaka uheze, ariko ubandanya ugabayo ibitero kenshi.