Umukobwa wa rurangiranwa Tyson Gay yarashwe arapfa

Ahavuye isanamu, AP
Umukobwa wa Tyson Gay yaciye acikana amaze kuraswa mw'izosi
Umukobwa w'imyaka cumi n'itanu wa rurangiranwa mu kunonora imitsi, Umunyamerika Tyson Gay, yarashwe arapfa muri leta ya Kentucky.
Trinity Gay yaciye acikana amaze kuraswa mw'izosi, ababibonye bakavuga ko habaye ukurasana hagati y'amantu bari mu miduga ibiri mu masaha ya kare mu gitondo c'uno munsi mu muji wa Lexington.
Igipolisi cafashe abantu babiri ubu bakaba bariko barahatwa ibibazo.
Tyson Gay niwe wenyene akurikira Umunyajamaica, Usain Bolt, mu bamaze kugira umwanya muto cane mu kw'isi mu kwiruka imetero ijana.
Yaranamaze umwaka mu gihano kubera gufata imiti yongera inguvu, umudari w'umwakaka yari yatsindiye mu nkino Olempike z'i Londres mu 2012 barawumwaka.