Machar yiyemeje gusubira muri Sudani y'epfo

Riek Machar 9i bubamfu) na prezida Salva Kiir (i Buryo)

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Riek Machar 9i bubamfu) na prezida Salva Kiir (i Buryo)

Icegera c’umukuru w’igihugu yirukanywe mu mabanga yiwe muri Sudani y’epfo, Riek Machar, yahunze mu kwezi kw’umunani, yavuze ko agiye gusubira muri ico gihugu.

Yavuze ko agikunzwe n’abanyagihugu.

Avugira mu gihugu ca Afrika y’epfo, Machar yabwiye BBC ko umugwi wiwe w’abagwanyi ucizeye ko bazosubira kwumvikana ku masezerano y’amaghhoro na prezida Salva Kiir.

Iyo yabivuze mu gihe hadutse intamabara ikomeye mu gisagara ca Malakal, hagati y’abasirikare bamuyoboka n’aba prezida Kiir.

Machar yahungiye mu gihugu ca RDC avuye muri Sudani y’epfo, mu nyuma aja I Khartoum muri Sudani ya ruguru, ubu ariko aravurirwa I Johannesbourg muri Afrika y’epfo.

Mu kwezi kw’indwi, abacungerera umutekano Machar n’abacungera prezid Kiir, baragwaniye mu gisagara ca Juba, haca hatangura intambara yamaze imisi itari mike, yahitanye abantu amajana n’amajana.

Abantu barenga 100.000 baciye bahungira mu bihugu bibanyi.

Intambara yadutse n’umwaka utarahera hashizweko umukono ku masezerano y’amahoro yategekanya ko haba reta y’Ubumwe, no guhagarika iyo ntambara.

Gukokeza intambara

Avugira mu kiganiro ca HARDtalk ca BBC, Machar yavuze: “Nzosubira muri Sudaniy’epfo.”

“Kubera ko prezida Salva Kiir adashaka amatora ata ho yegamiye, ni co gituma yaduteye, agatanguza kandi intambara.

“Ariko nibaza ko abategetsi babunyoye bu muri karya karere no muri Afrika, hamwe no mu bindi bice vy’isi, bazotanguza iyindi nzira y’ibiganiro vya politike yotuma haboneka kandi amahoro, no gusubiza itoto amasezerano y’amahoro hanyuma hashingwe iyindi reta mfatakibanza ihurikiyemwo bose.”

Machar kandi arabeshuza ibivugwa ko ariko arakokeza intambara ahubwo akavuga ko abasirikare biwe bariko barikingira ibitero vy’abasirikare ba reta.

Abasirikare ba prezida Kiir baragirije abagwanyi ba Machar ko ari bo batanguje ivyo bitero.

Izo mpande ko ari zibiri zagirizwa gukora ivyaha vyo mu ntambara.

Mu misi iheze, ishirahamawe Amnesty International ryasavye ko hoba sentare idasanzwe muri ico gihugu yo kugira amatohoza ku vyaha vyo mu ntambara.