U Burundi bwavuye mu rukiko rwa ICC

Perezida Pierre Nkurunziza w'u Burundi

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Perezida Pierre Nkurunziza

Perezida w'uburundi, Pierre Nkurunziza, yashize umukono kw'itegeko ryo kuvana uburundi muri CPI.

Iiryo tegeko ryari ryemejwe ku ndwi iheze n'inama nshingamateka na nkenguzamateka .

Uburundi rero bubaye ubwa mbere buvuye muri iyo sentare yatanguye gukora mu 2002.

Leta y'uburundi yayagirije kuba igikoresho c' ibihugu vya Bulaya mu gukandamiza ibihugu bikenye na cane cane vya Africa.

Mu kwezi kwa 4 umushikirizamanza w'iyo sentare yari yafashe ingingo yo gukora amatohoza y'ibanze ku vyaha bihambaye vyoba vyarakozwe mu burundi ku mu kwa kane mu mwaka uheze.

Ubwo igihugu cyamaze kumenyesha ko kivuyemo icyo gihugu Uburundi, buzakomeza kuba umunyamuryango w'urukiko mu gihe cy'umwaka 1, muri icyo gihe cyose Uburundi buzakomeza kugira inshingano z'uwasinye amasezerano wese, zirimo kugira ubufatanye n'urukiko, muri icyo gihe nanone urukiko rufite ububasha bwo gukomeza amatohoza rwatangiye.

Kuba u Burundi bwarafashe icyemezo cyo kuva muri urwo rukiko ngo ntibishobora guhita bihagarika amatohoza yatangiye ku byaba bihanwa n'amategeko mpuzamahanga byaba bikorerwa muri icyo gihugu muri icyo gihe.

Ibyo ni ibyavuzwe n'umujyanama w'umushinjacyaha mukuru w'urwo rukiko, Bwna Rod Rastan uri Arusha muri Tanzaniya aho ari mu nama y'impuguke n'inararibonye mu mategeko, ziyemeje kuba umuhuza hagati 'ibihugu bya Afrika n'urwo rukiko mpuzamahanga.