Umuhari wa IS ugira inkinzo abanyagihugu i Mosul

Abantu bariko barahunga imicungararo ya Mosul kubera intamabara ziriko ziraba hagati y'ingabo za reta na IS Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abantu bariko barahunga imicungararo ya Mosul kubera intamabara ziriko ziraba hagati y'ingabo za reta na IS

Amerika yagirije umuhari wa Etat Islamic (IS) ko wikingiriza abanyagihugu mu gihe ingabo za reta ziriko zirasatira ibirindiro vy’uwo muhari I Mosul.

Abantu bashika 700.000 ni bo vyibazwa ko bakiri muri ico gisagara, hariyo abagwanyi ba IS boba bashika 5.000 bahanganye nibitero vyogushaka gusubira kwigarurira Mosul.

Inkuru zavuga ko igisagara cegereye aho ca Qaraqosh cabohojwe, zabeshujwe n’umutegetsi wa reta mu gisirikare.

Ariko urunani rurongowe na Amerika rushigikiye reta mu kugwanya uwo muhari bavuga ko bamaze gukura IS mu bigwati cumi.

Abasirikare ba reta bariko baragenda bava mu bumanuko, mu gihe aba Kurde bariko barafashanya bariko barasatira bava mu buseruko mw’isekeza ryo kubakura muri ico gisagara ryatanguye ku musi wa mbere.

Prezida wa Amerika yabwiye amakenga afise abo basangiye urugamba, yerekeye abantu bahinga bava muri ako karere, avuga ko “integuro n’ibibanza vyo kubakira” Bihari kugira bahangane n’ici kibazo.

Abanyagihugu bageramiwe gute I Mosul

Abajijwe I Washington nimba IS iriko irakoresha abanyagihugu mu kwikingira, umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, Navy Captain Jeff Davis yavuze “Ntankeka”.

“Bugaraniwe yo batabishaka,” ni ko yavuze ku wa kabiri. ”Nta co turabona gihinduka muri iyi misi iheze ku bantu bava canke bahunga ico gisagara.”

Ababa muri ico gisagara bavuganye n’itororokanirizo ry’amakuru rya Reuters bavuze ko IS yabujije abantu guhunga ico gisagara, kandi bamwe ikaba yabajanye ahantu yicura ko hashobora kugirwako ibitero vy’indege.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abakristu b'i Irbil bari mu munezero aho bumviye ko igisagara ca Qaraqosh cabohojwe

Onu iriko irategura ikambi nshasha y’impunzi mu nkengera y’igisagara ca Mosul.

Lise Grande arongiye ibikorwa vyo gufasha abahuye n’ivyago muri Onu mu gihugu ca Iraq, yavuze ko biteguriye kwakira abantu benshi boba bashika 200.000 bazoba bakeneye amahema mu misi ya mbere.