Monusco i Kishasa kubera ubwoba bw'imidurumbanyo

Urukurikirane rw'imodoka z'abasirikare ba Onu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Urukurikirane rw'imodoka z'abasirikare ba Onu

Onu yakuye abasirikare bayo mu buseruko bwa RDC ibimurira I Kinshasa guhanga n’imidurumbanyo ishobora kwaduka kubera iyunguruzwa ry’itariki y’amatora, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya AFP.

Abasirikare 300 n’abapolisi ba MONUSCO bazoba bari I Kinshasa, ahabereye imidurumbanyo yahitanye abantu 49 mu kwezi guheze, nk’uko bimenyeshwa n’abo bategetsi.

“Turiteguriye icoshika cose no gukingira abantu mu gisagara ca Kinshasa,” ivyo bishikirizwa na Herve Ladsous.

Bishoboka ko abo basirikare barungitsweyo batokwira mu gihe hoba imidurumbanyi mu gice kinini, uko ni ko yagabishije.

“Ni ngombwa ko twibuka ko Kishasa ari igisagara kibamwo abantu imiliyoni 11, MONUSCO na yo ikaba idafise abasirikare bakwiye hamwe n’igikorwa co gucungera umutekano,” uko ni ko yavuze.

Ubwoba muri politike buguma bwongerekana kubera ugushaka kwa prezida Kabila ko kuguma ku butegetsi.

Harashizweko amasezerano yo kwigiza amatora imbere gushika mu kwezi kwa kane mu 2018.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Imyiyerekano yo mu kwezi guheze yahitanye abantu bababa 50

Ariko abatavuga rumwe na reta bamwe, baranse ayo masezerano ahubwo bahitamwo guhamagaza ihagarikwa ry'akazi ku muri wa gatatu.

Abantu benshi muri RDC bitavye ako kamo katewe n'abatavuga rumwe na reta mu gihugu cose.

Mu mabarabara yo ku mugwa mukuru Kinshasa harangwa agacerere, amaduka n'amashure vyinshi bikaba vyugaye.

Abatavuga rumwe na reta basaba prezida Kabila kuva ku butegetsi mu kwezi kwa cumi na kabiri arangije ikiringo ciwe gitegekanijwe n'ibwirizwa shingiro.

Intumwa ya Onu muri Congo, umupfasoni Sambo Didikou, mu ndwi iheze yaragabishije ko ico gihugu gishobora kwadukamwo intambara mu gihe ata cokorwa mu gutorera inyishu amatati ahari.