Indonesia igiye gukona abahumbisha abana ikoresheje imiti igabanya uburyohe

Ahavuye isanamu, AFP
Imyiyerekano y'abiyamiriza abahumbisha abana
Indonesia ishobora "kuzimanganya" ingeso yo guhumbisha abana igihe umugambi wo gukona hakoreshejwe imiti woba utanguye kuja mu ngiro, ukwo ni kwo prezida Joko Widodo yabwiye BBC.
Yavuze ko Indonesia yubaha agateka ka kiremwa muntu ariko ngo nta kuzorinda kurondera kwumvikana hageze guhana ivyaha bishingiye ku mibonano mpuzabitsina.
Indonesia yarahitishije amategeko bose batashigikiye mu ntango za kuno kwezi atanga uburenganzira bwo gukona abantu bahumbisha abana hakoreshejwe imiti.
Ayo mategeko yaratumye haba impari zikomeye mu nama nshingamateka.
Ishirahamwe ry'abaganga bo muri Indonesia ryatangaje kw'abanyamuryango baryo batazoryubahiriza ngo kubera ko riteye kubiri n'akarangamutima k'umwuga wabo.
"Chemical castration" ni ugukona hakoreshejwe imiti igabanya uburyohe, umuntu atarinze kugigwa ingumba canke ngo ashahurwe.
Prezida Widodo yagize ati: "ibwirizwa shingiro ryacu rirubahiriza agateka ka kiremwa muntu, ariko hageze ku vyaha bijanye n'imibonano mpuzabitsina nta kurondera kubihurizako".
"Dufise ububasha kandi ntituzodohoka. Tuzotanga igihano gikomeye kurusha ibindi ku vyaha bijanye n'imibonano mpuzabitsina".
Yongeye ati: "Ku bwanje ...ugukona hakoreshejwe imiti, ni twabishira mu ngiro neza, bizogabanya ivyaha bishingiye ku mibonano mpuzabitsina haheze igihe bizimangane burundu".
Mu ntango za kuno kwezi, mw'itangazo ryo kwamamaza ikibanza c'uwuserukira igihugu mu makungu mu bakiri bato, vyarashizwe ahabona ko abagira imibonano basangiye ibitsina batoja mw'iryo higanwa.
Iryo tangazo rya leta ryasigura kw'ico kibanza cugururiwe gusa abantu "badakora imibonano y'abasangiye ibitsina".
Prezida Widodo yavuze ko bitofatwa nk'ivangura ryoba rikorewe inkehwa asigura ati: "Turi igihugu ca mbere kw'isi kigwiriyemwo aba Islamu kandi turafise amategeko agenga iryo dini. Mutegerezwa kuvyibuka no kubimenya. Turafise amategeko twisunga."