Umunye Congo Bemba yagirijwe na sentare mpuzamakungu mpanavyaha guha igiturire ivyabona

Jean-Pierre Bemba yapfunzwe mu kwezi kwa gatandatu ku vyaha bikoregwa kiremwa muntu

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Jean-Pierre Bemba yapfunzwe mu kwezi kwa gatandatu ku vyaha bikoregwa kiremwa muntu

Uwahora ari icegera c'umukuru w'igihugu muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo Jean-Pierre Bemba yagirijwe na Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha (ICC) ko yahereje igiturire ivyabona.

Bemba yari yagiwe mu ntango z'uno mwaka n'ivyaha vyo mu ntambara be n'ibikorerwa kiremwa muntu akatirwa igipfungo c'imyaka 18.

Ku musi wa gatatu yegetsweko icaha co gutanga igiturire camutumye abwira ivyabona ivyo bakwiye kuvuga, bahindura ibirego vy'urubanza. Abantu bane mu bamufasha nabo nyene bagiwe.

Ni ubwa mbere habaye urubanza rujanye n'ibiturire mu mateka ya ICC i La Haye.

Abacamanza bavuze kw'ivyabona bikomeye 14 vyo mu rubanza rwa mbere vyarinze kwigishwa ivyo bikwiye kuvuga.

Bemba yagiwe mu kwezi kwa gatatu ku vyaha yakozwe mu gihugu kibanyi ca Republika Centrafricaine mu mwaka w'i 2002-2003.

Yagirijwe ko yananiwe n'uguhagarika inyeshamba yararongoye ngo ntizice canke zifate ku nguvu abigeme n'abagore.

Bemba yapfunzwe mu kwezi kwa gatandatu, ubu akaba ashaka kwunguruza urubanza.