Pep Guardiola ngo ntazohindura umukenyuro nyuma yo guhanwa na Barca

Pep Guardiola ngo ntateze guhindura uko akina gushika ku munsi wa nyuma wo kumenyereza kwiwe

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Pep Guardiola ngo ntateze guhindura uko akina gushika ku munsi wa nyuma wo kumenyereza kwiwe

Umumenyereza wa Mancester City, Pep Guardiola, avuga ko atazohindura umukenyuro wiwe naho yaraye atsinzwe 4-0 na Barcelona muri Champions League.

Lionel Messi yinjije bitatu mwigoli rya City, itari yazitiye neza kandi umunyegoli wayo Claudio Bravo ahabwa ikarata itukura akoze ku mupira hanze y'icibare ciwe.

Pep yagize ati: "Ntaco nzohindura. Gushika ku munsi wanyuma w'akazi kanje mu mupira w'amaguru nk'umumenyereza, nzokwama nkina mpereye ku munyegoli."

Barca ubu niyo iri imbere mu mugwi C muri Champions League, ikaba irusha City amanota atanu.

Vyunyutse mu gice ca kabiri

City yari yamaze kwinjizwa kimwe mu gice ca mbere, igice ca kabiri kigitangura Bravo ashikira umupira waruje ariko aca awuhereza Luis Suarez.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Claudio Bravo yakoze ku mupira ari hanze y'icibare ciwe aca ahabwa ikarata itukura

Uwo munyegoli w'umunye Chilie, yisanze hanze c'icibare ciwe, aca akora ku mupira agerageza kubuza ko Suarez amuroba.

Guardiola yabandanije agira ati: "Rimwe na rime haraba amakosa, hari igihe uba ugomba gusohora umupira, ariko kenshi iyo ukina neza, niho bihera.

"Birumvikana ko azi neza ivyo yakoze, ariko afise uburambe buhagije kandi ni umwe mu banyegoli beza bo muri ino myaka cumi iheze, nta makenga ndamufitiye."

City ntiratsinda mu mikino yayo ine iheze, ariko iracari imbere muri Premier League kandi Guardiola yatsinze inkino ziwe cumi za mbere agitangura kumenyereza City muci.

Uwo mugabo w'imyaka 45 yavuze ko ikipe yiwe ikeneye umwanya kugira ishobore guhangana ku rwego rwa Barcelona.