Uwundi mugore yagirije Donald Trump kumwitwarako nabi

Karena Virginia avuga ko Trumo yamuhohoteye mw'ihiganwa rya Tennis mu 1998

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Karena Virginia avuga ko Trump yamuhohoteye mw'ihiganwa rya Tennis mu 1998

Uwundi mugore yagirije uwushaka kuba umukuru w'igihugu wa Amerika, Donald Trump, kumwitwarako nabi ashaka kumushurashuza.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i New York, Karena Virginia yavuze ko Trump bamukoze ku mabere bari kurorera ihiganwa rya tennis mu 1998.

Yavuze ko yahisemwo kubivuga kubera inyishu y'uwo aserukiye umugambwe w'aba Republicain, ku bindi vyagiriji vyo guhohotera abagore.

Abagore cumi nibo bamaze kuvugira ku mugaragaro ko bwana Trump yabitwayeko nabi mu gushaka kubashurashuza, kuva aho hagiriye ahabona mu ntango za kuno kwezi, video imwerekana yivuga amazina ku kuntu akora ku bagore uko yishakiye.

Bwana Trump yavuze ko abo bamwagiriza ari ababeshi ruhasha.