Gari ya moshi yagize impanuka ikomeye muri Kameruni

Gari ya moshi yari yongeweko ibindi biduga kugira abari gutwarwa na za bisi baronke aho baja
Insiguro y'isanamu,

Gari ya moshi yari yongeweko ibindi biduga kugira abari gutwarwa na za bisi baronke aho baja

Gariya moshi yataye ibarabara ryayo igira impanuka hagati y'imiji ibiri mikuru muri Kameruni, Yaunde na Duala.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko abantu bashika cumi bahasize ubuzima.

Ababibonye bavuga ko hakomeretse abantu benshi, bamwe bakaba bacitse ibihimba vy'umubiri; bavuga ko ibiduga cumi vy'iyo gari ya moshi vyatemvye abantu bahera munsi yavyo.

Iyo gari ya moshi yari yongeweko ibindi biduga kugira ingenzi zategerezwa kugenda n'amabisi zironke aho zija, mu gihe ibarabara rihuza iyo miji ryatwawe n'imvura.

Umushikiranganji muri leta yavuze ko igisirikare cahamagajwe kwubaka ikindi gice c'ibarabara kugire gikoreshwe n'amabisi.