Cameroun igandariye abahuye n'impanuka

Abagera ku 71 bahitanywe na gariyamoshi muri Cameroun Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ibice vya gariyamoshi vyakorokeye mw'ibarabara, hakomereka benshi

Kugeza ubu abantu 71 nibo bamaze kumenyekana ko bitavye Imana bazize impanuka ya gariyamoshi yari mu rugendo iva ku murwa mukuru Yaounde ija mu muji wa Douala.

Abategetsi ba Cameroun bahamagariye abantu gutanga amaraso, kugira abariko baravugwa bakomerekeye muri iyo mpanuka bagera ku 550.

Abaserukira ibihugu vyabo muri Cameroun babereye abandi akarorero mu kwihutira gutanga amaraso.

Perezida Paul Biya yategetse ko haba itohoza ku coba caratumye iyo mpanuka iba.