Ingwati zafashwe n'ivyihebe vyo mu mazi zarya imbeba

Ahavuye isanamu, EPA
Ingenzi zo mu mazi zirimwo Arnel Balbero (i buryo) zarekuwe
Umurwi w'ingenzi zo mu mazi zari zaragizwe imbohe n'ivyihebe vyo mu mazi vyo mu gihugu ca Somalia hafi imyaka itanu, zaracishamwo zikarya imbeba kugira ngo zibandanye kubaho, uko niko umwe mu barokotse yabwiye BBC.
Arnel Balbero aturuka mu gihugu ca Philippines yavuze ko banaronswa n'amazi make ngo bakaba biyumva ko "batambuka nk'abapfuye" inyuma yaho barekuriwe.
Abo bantu b'ingenzi zo mu mazi 26 bafatiwe mu bwato mu mwaka w'i 2012 baca batwagwa mu gihugu ca Somalia.
Barekuwe ku musi wa gatandatu, habanje gutangwa amahera.
Abo bantu baturuka mu bihugu vya Chine, Philippines, Cambodge, Indonesie, Vietnam na Taiwan.
Bwana Balbero ari mu bari muri ubwo bwato FV Naham 3 igihe bufashwe n'ivyihebe vyo mu mazi vy'abasomali mu bumanuko bw'igihugu ca Seychelles. Umwe mu bari muri bwo ngo yoba yarishwe igihe bafatwa nkuko bivugwa n'ishirahamwe ritegamiye reta "Oceans Beyond Piracy".
Inyuma y'umwaka ubwato bwaribiye munyuma abari muribwo batwagwa ku butaka muri Somalia. Babiri muribo ngo barishwe n'indwara.
Bwana Balbero yabwiye BBC ko mu myaka ine n'inusu iheze, we na bagenziwe bari bameze "nk'ibiziga vyigendera".
Abajijwe ingene ivyo vyihebe vyo mu mazi vyabafata, yishuye ati: "Baraduha amazi makeya...twarya imbeba. Ego, twaraziteka mw'ishamba".
"Twarya ivyo tubonye vyose. Iyo ushonje urondera ico urya."
Ahavuye isanamu, AP
Ingenzi zarekuwe n'ivyihebe vyo mu mazi zigira zije muri Kenya
Yavuze n'ingorane bagize bariko barasubira kumenyera ubuzima busanzwe, avuga ati: "Sinarinzi...ingene hanze hasa igihe turekugwa, biragoye kugira iyindi ntango."
Abo bantu b'uwo mugwi ngo boba bari mu banyuma bafashwe n'ivyihebe vyo mu mazi vy'aba Somali, igihe ingenzi zo mu mzai zari zimaze imisi zifatigwa mu mazi hagati y'umwaka w'i 2000.
Ubusuma bwo mu mazi ku nkengera z'igihugu ca Somalia, bukogwa n'abarondera amahera, bwaragabanutse muri ino myaka iheze bitewe nuko amakungu yagwije inteko zigenzura mu mazi na cane cane mu turere bwakunda gukoregwamwo.