Amabateri akoreshwa muri telefone arimwo ubumara

Betri zo mu bwoko bwa Lithium-ion bivugwa ko zirimwo ubumara Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Betri zo mu bwoko bwa Lithium-ion bivugwa ko zirimwo ubumara

Imyuka irenga ijana ishobora kwica ni yoiva mu mabeteri usanga mu bikoresho imiriyaridi n’imiriyaridi bikoreshwa n’abantu kw’isi nka telefone zo mu bwoko bwa smartphone nk’uko biri mu matohoza mashasha.

Ubwo bushakashatsi bwasanze hariho imyuka y’ubumara irenga ijana iva muri bateri za Lithium, harimwo iya karubone, ituma umuntu aguma yiyaga ku mubiri, mu maso no mu mazuru uretse ko inonona ibidukikije.

Abashakashatsi bo mu gisata ca NBC mu gihugu ca Amerika bari kumwe n’abo muri kaminuza ya Tsinghua yo mu Bushinwa, bavuga ko bishoboka ko abantu benshi batazi igituma amabateri asha, yononekara canke gukoresha akuma kiniza umuriro katayigenewe, nk’uko vyandikwa n’ikimenyeshamakuru ca Science Explorer.

Muri ubwo bushakashatsi bushasha, baragenzuye ibateri rimwe ryo gushiramwo umuriro rizwi kw’izina rya Lithium-ion, zishirwa mu bikoresho bitandukanye buri mwaka.

“Muri iyi misi, amabateri ya Lithium-ion, zikoreshwa n’amareta menshi menshi kw’isi kuko iboneka cane, kandi ikaba ikoreshwa n’ibintu vyinshi harimwo amamodoka akoresha umuyagankuba hamwe na telefone,” nk’uko bivugwa na Jie Sun, umwigisha mukuru mu gisata kwikingira ca NBC.

Sun na bagenzi we baratoye impamvu nyinshi zishobora kwongereza imyuka irimwo ubumara zivuyemwo.

Amabateri yongerejwemwo umuriro urenze urugero, arekura imyuka myinshi irimwo ubumara, ugereranije na bateri irimwo ibice 50% vy’umuriro.