Calais yatanguye gusamburwa

Inyuma yo gukuramwo abantu, ikambi ya Calais iriko irasamburwa
Inyubako zari ku cambu ca Calais zicumbikiye abimukira zatanguye gusenywa, mu gihe amamodokari ya bisi amaze kabiri aseha abari basanzwe muri iyo kambi.
Ica kane c'abimukira baharurwa mu bihumbi munani bari bacumbitse Calais barajanywe mu bindi bibanza vy'Ubufaransa kuri uyu wa mbere.
Icambu ca Calais kimaze imyaka gicumbitsemwo abimukira bagerageza gushika mu gihugu kibanyi c'Ubwongereza, ariko abanyagihugu baho ntivyabanezera.
Igice kinini c'ikambi kimaze gukurwaho, ariko haracari abimukira basigaye
Umunyamakuru wa BBC ari Calais avuga ko kubona iyo kambi yatanguye gushirwa hasi, bigaragariza abanyagihugu ko ibibazo vyabo vyitaweho.