ONU ifise impungenge z'amacakubiri muri Sudani y'epfo

Ahavuye isanamu, AFP
Intambara ya Sudani y'epfo yadutse mu kwa ndwi, yakuye abantu mu vyabo
Imishamirano hagati y'ubwoko bw'aba Dinka n'abo mu karere kegereye kuri Equoiteur, yaragwiriye, inyuma y'igitero cagabwe ku mudokari yo mu bwoko bwa bus yarimwo abo mu bwoko bw'aba Dinka.
Ishirahamwe mpuzamakungu rimenyesha ko ryari rifise impungenge z'ico gitero, ndetse n'izo amakete y'aba muri Equoitoria bahiga kwihora.
Ikindi kiraje ishinga ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ngo n' itangazo ry'umukuru w'igihugu ryafashwe na benshi nk' irifatiye ku bwoko.
Perezida Salva Kiir yavuze ko ubwiwe azoyobora azoyobora igitero ca gisirikare, co guhiga imirwi yegwa n'ubwicanyi muri ako karere.