Ibibazo vy'inzoga s'umwihariko w'abagabo'

Ikibazo co kunywa ngo ntikikiri ico abagabo gusa

Ahavuye isanamu, Thinkstock

Insiguro y'isanamu,

Ubudasa bw'ibitigiri vy'abanywa inzoga hagati y'abagabo n'abagore butera bugabanuka

Abagore ngo bageze ku rugero ruhakwa kungana n'urwo abagabo mu gukwega umusa nk'uko bigaragara mu cigwa cakozwe ku kibazo co kunywa inzoga ku rwego rw'isi.

Icigwa cakozwe ku bantu bagera kuri miriyoni zine, bavutse hagati ya 1891 na 2001, cerekana ko abagabo bahora banywa ku rugero rurenga kure urwo abagore.

Ico cigwa cerekana kandi ko abagabo kera aribo bari bakunze kubangamirwa n'ingaruka zo kunywa cane, ugereranije n'abagore.

Ariko mu runganwe rwa kino gihe, ubwo budasa bwaragabanutse cane, nk'uko ico cigwa kivyerekana.

Amahinduka mu ruhara rw'abagore n'abagabo mu mibereho ya kino gihe, ashobora kuba ari yo ari inyuma y'amahinduka mu buryo bwo kunywa inzoga.

Ico cigwa cerekana ko mu bantu bavutse mu myaka ya mbere ya za 1900, abagabo:

Bashobora kwiyumvira kunywa inzoga barenga incuro kabiri abagore (incuro 2.2)

Bagaragaza impungenge zo kugira ibibazo biturutse ku kunywa cane, bari benshi incuro gatatu ugereranije n'abagore.

Nayo ku ngorane z'amagara zituruka ku nzoga nyinshi nko kugwara igitigu canke urusina, abagabo bakarirwa incuro 3.6 ugereranije n'bagore.

Ariko muri kino gihe ubwo budasa bwaragabanutse, ku buryo ubu abagabo n'abagore bashaka kunganya urugero rwo kunywa n'ibibazo bituruka ku nzoga.

Abagabo bashobora kwiyumvira kunywa ngo bageze ku rugero rwa 1.1 ugereranije n'abagore.

Ibitigiri vyagabanutse kugeza kuri 1.2 ugereranije abagabo n'abagore bashobora kugira ibibazo biturutse ku nzoga.

Umurwi wa kaminuza yo muri South Wales muri Australia, wihweje ibiharuro vyavuye mu bantu bo hirya no hino kw'isi, n' ubwo abenshi baturuka muri Amerika ya ruguru no mu mugabane wa Bulaya.

Ahavuye isanamu, Thinkstock

Insiguro y'isanamu,

Abadandaza b'inzoga ngo basigaye bazamamariza

Abadandaza inzoga nabo basigaye bashaka gukwegakwega abanywi b'abagore, witegereje uburyo bazamamaza.

Bavuga ko inzoga n'ibibazo zitera kera vyahora vyibazwa ko ari ingorane y'abagabo.

Ariko iki cigwa giusanga atari ko bikiri kigasaba ko abagore, cane cane abigeme bakiri bato, bokwitabwaho mu kigoro ko gufasha kugabanya ingorane ziterwa no kunywa

Abahinga mu magara y'abantu ngo bakwiye kwitaho abantu bose, abagabo n'abagore, mu kubasobanurira ingaruka z'inzoga, no kubereka uburyo bozirinda.