Ubwato bw'Uburusiya ntibukinywereye igitoro muri Espagne

Ahavuye isanamu, EPA
Ubwato bw'intambara bw'abarusiya
Uburusiya bwasokoye ivyo bwari bwasavye ko ubwato butatu bw’intambara bwohagarara ku kivuko ca Ceuta kugira bunywe igitoro nk’uko bimenyeshwa n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Espagne.
Bwamenyesheje ko ivyo vyaciye bihagarara.
Espagne bwari bumaze imisi buterwa igitsure na Otan ngo ntibuhirahire ngo bwemere ko amato y’intambara y’Uburusiya ahanywesha igitoro ariko aragana igihugu ca Syria.
Urukurikirane rw’amato ruriko rwavuye mu ndwi iheze mu Burusiya rugana Mediterranee.
“Kubera inkuru zagaragaye ko bishoboka ko ubwo bwato bushobora gufasha mu bikorwa vya gisirikare mu gisagara ca Alep muri Syria, ubushikiranganji bw’imigenderanire bwasavye insiguro uwuserukira Uburusya I Madrid,” uko ni ko ubushikiranganji bw’imigenderanire bwabwiye BBC.
Bwongeyeko ko uruhusha rwari rwatanzwe mu kwezi kw’icenda ku bwato butatu bw’Uburusiya guhagarara I Ceuta hagati y’amatariki ya 28 ukwezi kwa cumi na 2 ukwezi kwa cumi na rimwe.
Bwavuze ko uguhagarara nk’uko kw’amato y’Uburusiya kumaze imyaka myinshi kuba mu bivuko vya Espagne.
Ahavuye isanamu, EPA
Vyitezwe ko amato y'intambara y'Uburusiya aca i Gibraltar ku musi wa gatatu
Ariko kuva basavye insiguro, ubwo bushikiranganji buvuga ko ibiro biserukira Uburusiya muri ico gihugu bwaciye busokora ivyo bwari bwasavye.
Ibiro biserukira Uburusiya bwemeje ko bwasokoye, ariko nta zindi nsiguro batanze.