Abana barenga 100 basigaye mw'ikambi ya Calais

Ahavuye isanamu, AFP
Bivugwa ko igikorwa carangiye ariko bamwe mu bimukira ni ho bakiri
Abimukira amajana n’amajana baracari mw’ikambi ya “Jungle” y’I Calais, nk’uko bivugwa n’umumenyeshamakuru wa BBC ari muri ico kibanza, n’aho abategetsi b’Ubufaransa bavuga ko ubu iyo kambi igaragara.
Abana boba bashika ijana babataye ngaho batagira aho bakika umusaya mw’ijoro, nk’uko bivugwa n’abakozi batanga imfashanyo.
Bivugwa ko bagenda bata icizere.
Abantu boba bashika 5.600 ni bo bajanywe mu bigo vyakira abimukira kuva ku musi wa mbere, nk’uko bivugwa na reta y’Ubufaransa.
Muri hakaba harimwo abana batari kumwe n’abavyeyi babo bashika 1.500 bajanywe mw’ikambi yabo ariko ubu abajejwe kubafasha bakaba bavuga ko yuzuye.
Abajejwe kubomora babandanije igikorwa co gukura amahema n’amashitingi muri ico kibanza ku musi wa gatatu, mu gihe hari n’umuriro bivugwa ko wakijwe n’abimukira bakuye muri ico kibanza.
Fabienne Buccio, arongoye Pas-de-Calais, yavuze ko“ari igikorwa kirangiye”.
Iyo kambi yari nk’ikimenyetso c’ingorane z’abimukira ku mugabane wa Buraya, abayibamwo bataye icizere co gushika mu Bwongereza.
Caroline Gregory w’ishirahamwe Calais Action, ishirahamwe ritanga imfanshanyo ryo mu Bwongereza, avuga ko abana batari kumwe n’abavyeyi babo bashika 100 babataye muri iyo kambi mw’ijoro.
“Twaratakambiye abategetsi b’abafaransa kugira ico bakoze kuri izo mpunzi z’abana, ariko ntacakozwe,” ni ko yabwiye BBC ku musi wa kane.
Abantu ku bushake bwabo bahigiye abo bana aho bakika umusaya mu bibanza abimukira babegeranirizamwo co kimwe n’amashure yari muri iyo kambi.