Umusoza yatwawe ariko agerageza guca umuhigo

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE
Guo Chuan ni we musoza wa mbere azwi cane mu Bushinwa
Umushinwa rurangiranwa agenda n’ubwato, Guo Chuan yaburiwe irengero ariko aragerageza guca umuhigo wo kujabuka ibahari ya pasifike ari wenyene.
Abakozi b’igisata kijejwe kurinda ibahari muri Amerika ubu bariko baramuronderera muri iyo bahari mu turere twegereye amazinga ya Hawai, aho habonetse ubwato bwiwe ata n’umwe aburimwo.
Umugwi ujejwe gukurikirana Guo wamubuze ku murongo mu masaha ya 07:00GMT ku musi wa kabiri.
Uwo mugabo agendesha ubwato yabaye umushinwa wa mbere yazungurutse isi yose aciye mw’ibahari, yari yavuye I San Francisco kw’itariki 18 ukwezi kwa cumi afise umugambi wo gushika I Shangai inyuma y’imisi 20.
Bagenzi we bamubuze ku murongo kandi hari n’indege yagiye kumurondera mu karere yabonetsemwo ubwa nyuma.
Aka karere kari ku birometero vyababa 1.000 uvuye mw’izinga rya Oahu, I Hawaii.
Umuhigo wa mbere wo kujabuka ibahari pasifike n’ubwato uri wenyene ufiswe n’uwakoresheje imisi 21.