Umupolisi yiciwe mu myiyerekano muri Venezuela

Ahavuye isanamu, AP
Imyiyerekano iba buri ndwi ariko iyo ku wa gatatu ni yo yari yitabwe n'abantu benshi cane
Umupolisi umwe yishwe arashwe abandi barenga mirongo ibiri barakomereka mu myiyerekano yo kwiyamiriza reta mu gihugu ca Venezuela.
N’imiburiburi abantu 20 bakomeretse abandi 80 barafatwa mu gihugu cose, nk’uko bivugwa na rimwe mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu muri ico gihugu.
Imafoto y’abantu bakomeretse yakwiragijwe ku mbuga ngurukanabumenyi.
Hari inkuru zivuga ko hoba hari batatu boba barashwe.
Abantu ibihumbi amajana n’amajana bihereje amabarabara biyamiriza reta ya prezida Nicolas Maduro.
Mu ntara ya Miranda, umupolisi umwe yapfuye abandi babiri barakomereka, nk’uko bivugwa na reta, ikaba ibagiriza abatavuga rumwe na reta.
Umukuru w’abatavuga rumwe naa reta, Henrique Capriles ni we arongoye iyo ntara.
Igipolisi co muri iyo ntara cemeje urwo rupfu ariko nticarushitse ku gatwe k’abari mu myiyerekano.
Iyo myiyerekano yadutse inyuma y’aho hahinduriwe itariki y’amatora ya kamarampaka, yo gushaka gukura ku butegetsi prezida Maduro.
Abatavuga rumwe na reta begeranije imikono imiliyoni 1.8 yo gusaba amatora ya kamarampaka, 400.000 muri iyo mikono ikaba yaremejwe n’abategetsi bajejwe gutegura amatora.
Ariko ico gikorwa cahagaritswe mu ndwi iheze inyuma y’aho abategetsi bavugiye ko iyo mikono yabayemwo ubusuma.
Inama nshingamateka y’ico gihugu irongowe n’abatavuga rumwe na reta, ku musi wa kabiri yaratoye itegeko ryo kwitwarira prezida Maduro, abashingamateka bagiriza ko ahonyanga ibwirizwa shingiro.
Abari mu myiyerekano batanye mu mitwe n’abajejwe umutekano mu gihugu cose, na cane cane i San Cristobal n’i Maracaibo.