Duterte: Imana yambujije kubandanya gutukana

Ayo majambo prezida Duterte yayumvise ari mu ndege aja mu gihugu c'Ubuyapani Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ayo majambo prezida Duterte yayumvise ari mu ndege aja mu gihugu c'Ubuyapani

Prezida wa Philippine Rodrigo Duterte, yiyemeje guhagarika gutukana inyuma y’ico yise ubutumwa buvuye ku Mana.

Uwo mukuru w’igihugu, yise prezida Obama “umwana w’imaraya” akongerako ko uwo mutegetsi ashobora “kuja mu muriro udahera”, yavuze ko yiyemeje ivyo inyuma y’aho ubutumwa buvuye ku Mana igihe yari mu rugendo mu Buyapani.

Yaratutse n’abandi bantu rurangiranwa.

Yise umukuru wa Ekleziya Katolika kw’isi, Papa Francis “umwana w’imaraya”(Philippine n’igihugu kirimwo abakatolika benshi).

Yarigeze kandi gutuka umushikiranganji w’imigenderanire wa Amerika, John Kerry, ko ari “umusazi”, hanyuma mu misi iheze yavuze ko uwuserukira Amerika muri Philippine akundana n’abo basangiye igitsina kandi ko ari umwana w’imaraya”.

Prezida Duterte yavuze ko igihe yari mu ndege, abantu bose basinziriye, yumvise ijwi rimugabisha: udahagaritse, iyi ndege ndayikorora.

Yavuze ko iryo jwi ryavuze ko ari iryo Imana.

Yemereye abantu bari bakoraniye mu gisagara avukamwo c Davao ko ivyo yemereye Imana bisa n’ivyo yemereye abanye Philippine.

Prezida Duterte ni umutegetsi politike yiwe n’ivyo avuga bitera impair canke kenshi na kenshi.

Yize ivyerekeye amategeko, araduga gushika aho aba umushikirizamanza wa republika imbere y’uko aba icegera c’umukuru w’igisagara ca Davao igihe haba itembagazwa ry’ubutegetsi bwa Ferdinand Marcos mu 1986.

Yabaye umukuru w’ico gisagara mu 1988, akora ako kazi imyaka 10, imbere y’uko aba umushingamateka, hanyuma asubira kuba umukuru w’igisagara kandi mu 2001.

Yamenyekanye cane mu gutuza zimwe mu ngorane zari zihanze abanye Philippine, ubwicanyi, imigwi y’abagwanyi n’ibiturire.

Ivyo vyose vyaragabanutse ku rugero runini cane igihe yari umukuru w’igisagara ca Davao, bituma ico gisagara kiba kimwe muyirangwamwo umutekano muri Philippine.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Prezida Duterteyavuze ko ariko arategura kazoza keza k'abanye Philippine

Mu misi iheze yagereranije intambara arimwo yo kugwanya abadandaza ibiyovyabwenge nk’intambara ya kabiri y’isi yose.

Yavuze ko ashobora kwica abadandaza ibiyovyabwenge benshi bangana n’abayahudi Hitler yishe.

“Hitler yishe abayahudi imiliyoni zitatu… hari abadandaza ibiyayuramutwe imiliyoni zitatu. Nonezerwa cane ndabishe,” ni ko yavuze.

Abayahudi barenga imiliyoni zitandatu barishwe n’abanazi bari barongowe na Hitler.