U Burundi buvuga ko u Rwanda 'rubuza impunzi gutaha'

Abarundi barenga 250.000 bahunze ingo zabo nyuma y'imyivumbagatanyo ya politike mu Burundi

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Abarundi barenga 250.000 bahunze ingo zabo nyuma y'imyivumbagatanyo ya politike mu Burundi

Reta y' Uburundi isaba ishami rya ONU rijejwe ibibazo vy'impunzi HCR 'kugondoza' igihugu c' Urwanda kugira corohereze impunzi z'Abarundi zigera ku bihumbi 75 ziri muri ico gihugu zitahuke mu gihugu cabo.

Ivyo vyaraye bishikirijwe n'umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu Pascal Barandagiye igihe yariko aragendera Inkambi y'agateganyo ya Cishemeye mu ntara ya Cibitoke icumbikiye impunzi zabakongomani. Abo nabo bakaba bariko barasaba ubuhungiro mu Burundi.

Uwo mushikiranganji yabishikirije arikumwe n'icegera c'uwurongoye ishami rya ONU riraba impunzi kw'isi HCR Volker Turk, yarasanzwe ari mu rugendo rw'imisi ibiri mu Burundi.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Perezida Paul Kagame (ibumoso) na Perezida Pierre Nkurunziza ntibavuga rumwe ku kibazo cy'impunzi

Bahejeje kugendera iyo nkambi, abo bategetsi ukwo ari babiri baraganiriye no ku bibazo bimwe bimwe vyerekeye impunzi z'abarundi ziri hanze y'igihugu.

Mu majambo yashikirijwe, umushikiranganji Barandagiye yabwiye Volker ko hari agahaze ku mpunzi z'abarundi ziri mu gihugu c'urwanda.

Avuga ko ico gihugu kibera intambanyi impunzi zikeneye gutaha kuneza mu kuzibuza kurengana.

Ahavuye isanamu, Google

Insiguro y'isanamu,

Bwana Volker Turk ari mu rugendo rw'imisni ibiri mu Burundi

"Twashoboye kumubwira yuko ku mpunzi ziwacu ziri mu Rwanda hari ikibazo c'uko igihugu c' Urwanda kibuza abashaka gutaha ku neza, ndetse mbere uwushaka gutaha aza yiyivye atorotse kandi uwo bafashe ivyo bamukorera si vyiza amatwi adusumira", ukwo nikwo barandagiye abisigura.

Ati n'abashoboye kurengana bariyiba ngo kandi iyo bafashwe baragirirwa nabi.

Kubwa Barandagiye rero ngo HCR nifate mu minwe ico kibazo.

"Twebwe rero muri iyo ntumbero twasavye HCR ko yogira uruhara runini cane igacisha muri bimwe twita tripartite ikagondoza igihugu c'urwanda kikaza tukicarana kugira turabire hamwe ingene izo mpunzi zotahuka kandi bakareka uwushaka gutaha akitahira ku neza yiwe", ukwo ni kwo abandanya abisigura.