Ubwicanyi bwongeye muri Centrafrika

Ahavuye isanamu, AFP
Ingabo za ONU ziri muri Centrafrika
Imishamirano yongeye kuvyuka hagati y'imigwi y'aba Islamu n'iyo Abakirisu mu muji wa Bambari no mu micungararo yaho, aho umugwi w'abapolisi bari kw'irondo waguye mu mutego.
Ku munsi wa gatanu, aba jandarume batandatu n'abanyagihugu bane barishwe baguye mu mutego, mu gihe abapolisi bariko barakizura.
Bambari iri ku km 250 uva mu mugwa mukuru Bangui
Ingabo z'ishirahamwe mpuzamakungu ONU ziri hafi y'ikibuga c'indege mu muji wa Bambari nazo ziheruka guterwa.
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rihamagarira abanywanyi b'imigwi Seleka na mukeba wawo Anti-Balaka gusigaho ubwicanyi.